Ingene twoshikira umutima w’abo twigisha
1. Ivyo Yezu yigisha vyagira ico bikoze gute ku mitima y’abamwumviriza?
1 Yezu Kristu yarashikira umutima w’abamwumviriza. N’imiburiburi igihe kimwe, imitima y’abigishwa biwe ‘yararurumvye’ inyuma y’aho abasiguriye mu buryo butomoye Ivyanditswe. (Luka 24:32) Kubera ko kugamburukira Imana bitegerezwa kuva mu mutima, ni gute twokabura umutima w’abo twigisha kugira bagire ivyo bahinduye mu buzima bwabo?—Rom. 6:17.
2. Ni gute gukorana ubugenge n’ugutahura bifasha gushikira umutima w’umuntu?
2 Nukoreshe ubugenge n’ugutahura: Ku bantu benshi, gupfa kubabwira gusa ngo iki ni ciza canke iki ni kibi ntibishobora gutuma bagira ico bakoze. Ariko kandi, gushira ahabona ivyo bemera bitari vyo dukoresheje Ivyanditswe umuyoro vyoshobora mbere gutuma batatwumviriza. Kugira dutume umuntu agira ico akoze, dukwiye kubanza gutahura imvo ituma yemera ibintu kanaka n’iyituma abikora. Kumubaza ubigiranye ubugenge ibibazo wiyumviriye neza, bizotuma aserura iryo agona. (Imig. 20:5) Ico gihe gusa ni ho twoshobora guca duhitamwo mw’Ijambo ry’Imana ivyomukora ku mutima. Ku bw’ivyo, dukwiye kumwereka ko tumwitwararika kandi tukaza turamwihanganira. (Imig. 25:15) Niwibuke ko abantu badatera imbere mu vy’impwemu ku rugero rumwe. Nuhe impwemu nyeranda ya Yehova umwanya wo kuyobora ivyiyumviro vyiwe no gutuma agira ivyo ahinduye.—Mrk. 4:26-29.
3. Ni gute twofasha abo twigisha kumera nka Yehova?
3 Nubafashe bigane Yehova: Ivyanditswe vyerekana ko Yehova ameze neza kandi ko akundana birashobora gufasha abo twigisha kumera nka we. Turashobora gukoresha ivyanditswe nka Zaburi 139:1-4 canke Luka 12:6, 7 mu kwerekana urugero Yehova agezako mu kwitwararika umwe wese muri twebwe. Igihe abatohoji batsimbataje umutima wo gukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova, bazorushiriza kumukunda no kumwihebera. (Rom. 5:6-8; 1 Yoh. 4:19) N’ikindi kandi, igihe bamenye ko ivyo bakora bishobora kubabaza canke kunezereza Yehova, vyoshobora gutuma bakora ibintu mu buryo bumuhimbara kandi bumutera iteka.—Zab. 78:40, 41; Imig. 23:15.
4. Igihe tuba turiko turigisha umuntu mu busuku, ni gute twokwubahiriza uburenganzira afise bwo kwihitiramwo?
4 Yehova nta n’umwe ahatira kwubaha amabwirizwa yiwe. Yamara, ahimiriza buri muntu gukurikira impanuro ziwe mu kumwereka ivyiza bivamwo. (Yes. 48:17, 18) Turigana Yehova igihe twigisha mu buryo butuma abantu bifatira ingingo. Igihe umuntu ku giti ciwe yumva atahuye igituma bikenewe kugira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe, havamwo ivyiza biramba. (Rom. 12:2) Biratuma kandi ubucuti afitaniye na Yehova “we musuzumyi w’imitima” burushiriza gukomera.—Imig. 17:3.