Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 19 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 19 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 54 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
ia rup. 2-3, n’intangamarara ing. 1-15 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 8-11 (Imin. 8)
No. 1: 1 Ngoma 11:15-25 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Eliya—Umutwe: Ntukigere ufatira mu rwara ububasha bw’isengesho—ia rup. 99-107 (Imin. 5)
No. 3: Umumarayika mukuru ni nde?—w10 1/4 rup. 19 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: Nube ‘uwushinze imizi kandi atanyiganyiga mu kwizera.’—Kol. 2:6, 7.
Imin. 20: “Ingene twoshikira umutima w’abo twigisha.” Ibibazo n’inyishu. Nimugire imyerekano ibiri ihushanye. Umunyamuhana avuze ko umwana wiwe yapfuye kandi ko ubu ari mw’ijuru. Mu mwerekano wa mbere, umwamamaji mu kwishura arasoma mu Musiguzi 9:5 aherekana ingene abapfuye bamerewe. Wa munyamuhana ntaremeshwa n’ico canditswe maze agaca yerekana ko atashimishijwe. Mu mwerekano ugira kabiri, umwamamaji akoresheje ubugenge aramwereka icizigiro c’izuka mu gusoma muri Yohani 5:28, 29 maze uwo munyamuhana agaca agaragaza ko ashimishijwe cane.
Imin. 10: Waba ukiri muto canke ukuze, nubere abandi akarorero keza. (Flp. 3:17; 1 Tim. 4:12) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2015, kuva ku rup. rwa 71, ing. 2 gushika ku rup. rwa 72, ing. 5; no ku rup. rwa 76-77. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 90 n’isengesho