ICIVUGO C’UKU KWEZI: “WAMAMAZE RYA JAMBO, UVYIHATIRE.”—2 TIM. 4:2.
Gusigura ivyo twemera ku bijanye na 1914
Ivyanditswe bituremesha ‘kwitegurira kuburanira’ ivyo twemera, “[tubigiranye] ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” (1 Pet. 3:15) Tuvugishije ukuri, hari igihe bitugora gusigura ukuri kwo muri Bibiliya kwimbitse, nk’ukujanye n’ingene tuzi ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914. Kugira ngo bitworohere gusigura ukwo kuri, harateguwe ibiganiro bibiri bivuga ngo “Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza—Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari?” Ivyo biganiro biri mu Minara y’Inderetsi yo gushikiriza mu busuku muri Gitugutu na Munyonyo. Nukoreshe ibi bibazo mu kurimbura ukuntu Karoli, umwamamaji wo muri ivyo biganiro, avyifatamwo.
Ni gute . . .
kuba Karoli yarakeje uwo baganira vyatumye bayaga bahuza?—Ivyak. 17:22.
yerekanye ukwicisha bugufi igihe yariko arasigura ivyo yemera?—Ivyak. 14:15.
Ni kubera iki ari vyiza kuba . . .
yaza aracishamwo akamwibutsa ivyo bahejeje kuyaga imbere y’uko atandukira ikindi ciyumviro?
yaza aracishamwo akabaza uwo baganira nimba yatahuye ivyo ahejeje kumusigurira?
atarondeye kumusigurira ibintu vyinshi icarimwe?—Yoh. 16:12.
Ese ukuntu dukwiye gukengurukira Yehova, wa “Mwigisha wa[cu] Ahambaye,” kuba atwigisha ingene twosigurira abantu ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya!—Yes. 30:20.