Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 27 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 27 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 5 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 15 ing. 1-10 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 11-13 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: “Ingene tworushiriza kubona ko kwamamaza vyihutirwa.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimugire umwerekano w’umwamamaji ariko arashikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke agapapuro k’inkuru nziza.
Imin. 15: Niwitegure neza kugira ngo wamamaze ubona ko ibintu vyihutirwa. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2014, urupapuro rwa 14-15, ingingo ya 14-20. Nubaze abumviriza ibintu biraje ishinga abantu bo mu cibare canyu. Dufatiye kuri ivyo bibaraje ishinga, twobafasha gute? Nusabe abatsimvyi babiri canke umugabo n’umugore bubakanye bagire umwerekano werekana ingene bokoresha ibivugwa muri uwo Munara w’Inderetsi kugira ngo bategure uburyo butandukanye bwo gutanguza ikiyago bwoshimisha abantu bo mu cibare. Abagira uwo mwerekano boshobora kwiyumvira igisohokayandikiro boca bashikiriza.
Ururirimbo rwa 95 n’isengesho