Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 11 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 11 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 71 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 11 ing. 9-16 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 7-9 (Imin. 10)
No. 1: Guharūra 9:9-23 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: “Itunga ryose ry’ubukerebutsi”—cf rup. 46-48 ing. 1-3 (Imin. 5)
No. 3: Ushobora gute gutuma umubano wanyu uramba?—lv rup. 117 ing. 19–rup. 120 ing. 24 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: “1914-2014: Imyaka 100 irarangiye Ubwami bw’Imana buriko buraganza!” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome ingingo iri ku ntango y’uru rupapuro. Muri uku kwezi ibiganiro vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo bizoshimika ku Bwami bw’Imana. Nimwihweze intunganyo zagizwe aho iwanyu ku bijanye n’ubusuku bwo mu ndimiro.
Imin. 10: “Nukoreshe ka gapapuro gashasha kerekeye umuhora wacu.” Nimuganire ibiri muri ako gapapuro. Nimugire umwerekano aho umwamamaji aha umuntu ako gapapuro hanyuma agaca akoresha akuma kiwe gakorana na Internet mu kwereka uwo muntu umuhora wa jw.org.
Imin. 15: “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutangaza Ubwami bw’Imana n’umutima rugabo.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji babiri bagire uwu mwerekano: Umwamamaji aratonze kwa muganga. Uwuri iruhande yiwe ariko arumviriza amakuru agaca avuga ati: “Ivyo muri iyi si biragoye! Umwe wese avuga ko yobitorera umuti, ariko mbona bitera vyunyuka.” Wa mwamamaji aca yivugana ati: ‘Ndakwiye kugira ico mvuze. Ntegerezwa gutangaza Ubwami bw’Imana!’ Uwo mwamamaji aca avuga ati: “Aho ntubeshe; tuguma twumva amakuru mabi gusa. Ariko, wonkundira nkaguha aka gapapuro? Uwo muhora wo kuri Internet uvugwa muri kano gapapuro waramfashije vy’ukuri kuronka inyishu z’ibibazo vyinshi bihambaye vyerekeye ubuzima.” Uwo mwamamaji aramwereka kimwe mu bivugwa muri ako gapapuro, maze uwo muntu akerekana ko ashimishijwe.
Ururirimbo rwa 92 n’isengesho