“Ukuntu twoshikiriza ibinyamakuru muri . . . ”
Buri kwezi mw’Ikoraniro ry’umurimo twama dufise ikiganiro kijanye n’ingene twoshikiriza ibinyamakuru. Intumbero yaco si iyo kuvuga ibiri muri ivyo binyamakuru. Ahubwo, cagenewe guhanahana ivyiyumviro twokoresha mu gutanga ibinyamakuru. Ku bw’ivyo, twisunze ubuyobozi butangwa, umuvukanyi aba yagenywe ngo ashikirize ico kiganiro arashikiriza intangamarara ngufi cane kugira ngo atume bishimisha abamwumviriza. Ahejeje, aca asaba abamamaji ngo bagire ico bavuze ku kiganiro kimwekimwe ukwaco (canke ku rukurikirane rw’ibiganiro) ku buryo ababa bari aho bose bashobora gukurikira kandi bakiyandikira ivyiyumviro babona ko bazokwikorako. Aho gusaba abumviriza ngo bavuge ido n’ido y’ukuntu ico kinyamakuru coshikirizwa, arabasaba kuvuga ibibazo bivyura ugushimishwa bobaza hanyuma agaca abasaba kuvuga icanditswe bosoma. Aca asozera ico kiganiro mu kugirisha imyerekano y’ingene buri kinyamakuru coshikirizwa. Turemeshwa gusoma ivyo binyamakuru imbere y’uko tuza kw’ikoraniro no kwitegura gushikiriza ivyiyumviro vyacu. Twese nitwitegura neza, ico kiganiro kizodufasha gukarishanya.—Imig. 27:17.