ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/12 rup. 2
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Uze ubabwire iri jambo”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Umutima urushe nzowuzuza agatege”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 5/12 rup. 2

Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya

1. Ni igitabu ikihe casohowe kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2010, kandi tuzogikoresha gute?

1 Ese ukuntu twahimbawe cane igihe kw’Ihwaniro ry’intara ryo mu 2010 ryataziriwe ngo “Nugume wiyegereje Yehova” hasohorwa igitabu Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya! Ico gitabu kirashimika ku bintu vyo mu buzima bwa misi yose twigira ku gitabu co muri Bibiliya ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba. (Rom. 15:4) Ni co tugiye kuzorimbura mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero kuva mu ndwi itangura ku wa 5 Munyonyo 2012.

2. Ni kubera iki dushobora kwungukira ku kurimbura igitabu co muri Bibiliya ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba?

2 Ni ngirakamaro muri iki gihe: Yeremiya, uwanditse ahumekewe igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe, yavuze ubuhanuzi igihe Ubuyuda bwari mu kiringo kidurumbanye. Mu ntango, yumva umengo ntashoboye ico gikorwa yari ashinzwe. (Yer. 1:6) Yaranarwanijwe n’abagenzi biwe kumbure n’incuti ziwe zo mu gisagara yavukamwo ca Anatoti. (Yer. 11:21, 22) Birumvikana ko vyashika Yeremiya agacika intege. (Yer. 20:14) Magingo tuba turiko turarangura igikorwa twashinzwe co “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa,” akenshi turashikirwa n’ingorane zisa n’izashikiye Yeremiya kandi tukumva tumerewe nk’uko yamererwa. (Mat. 28:19) Kurimbura ivyo yanditse bizodufasha kurangura ubusuku bwacu umutima uri mu nda kandi tubigiranye umwete.

3. Tuzokoresha gute ibintu bimwebimwe bigize ca gitabu Yeremiya?

3 Ibikigize: Ivyanditswe nyamukuru bikwiye gusomwa mu gihe c’inyigisho vyanditswe mu ndome zihengamye. Mu mpera ya buri mayagwa agenewe kurimburwa buri ndwi, uzosanga hari ikibazo gihambaye kimwe canke bibiri vyanditswe mu ndome zizize bishira ahabona ivyiyumviro nyamukuru biri mu vyo tuzoba duhejeje kurimbura. Ivyo bibazo bikwiye kubazwa abumviriza mu buryo bw’ isubiramwo. Muri ico gitabu cose harimwo amashusho meza cane, akaba ata gukeka ko abagize ishengero bazoshima kugira ico bayavuzeko.

4. Dushobora gute kwungukira bimwe bishitse ku kurimbura ca gitabu Yeremiya?

4 Kugira ngo uzokwungukire bimwe bishitse kuri ico gitabu, nuze urategura imbere y’igihe. Nurondere ivyiyumviro ushobora gukoresha mu buzima bwawe no mu busuku. Nugire uruhara bimwe bishitse mu gutanga insasanuro. Kubera umuhezagiro wa Yehova, Yeremiya yararanguye igikorwa yari yashinzwe abigiranye umunezero. (Yer. 15:16) Ese kurimbura ico gitabu gishasha vyodufasha kurangura ubusuku bwacu muri ubwo buryo nyene.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika