ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/10 rup. 7
  • Woba umaze gukoresha urupapuro rwa nyuma?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba umaze gukoresha urupapuro rwa nyuma?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ibiganiro bishasha vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • “Ukuntu twoshikiriza ibinyamakuru muri . . . ”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 8/10 rup. 7

Woba umaze gukoresha urupapuro rwa nyuma?

Igihe abantu batoye ikinyamakuru, bakunda guca baraba ibiri ku rupapuro rwa mbere, kerakera bakaba bamaze kugihindukiza bagatereza akajisho ku rupapuro rwa nyuma. Urupapuro rwa nyuma rw’integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi ruriko ibibazo be n’amungane bitari bike bivyura ugushimishwa biherekejwe n’ibiharuro vyerekana urupapuro usangako ayo makuru.

Turashobora gukoresha urwo rupapuro rwa nyuma kugira ngo turonke ivyiyumviro vyiza twokwisunga mu bibazo dukoresha mu gutanguza ikiyago. Nimba dukorera mu cibare cacu kenshi, turashobora kuza turahindura uburyo dushikiriza inkuru nziza mu kuza turakoresha ibibazo bitandukanye mu kwezi kwose. Nimba na ho uwo tubwira inkuru nziza afatiriwe, twoshobora guca make mu kumwereka kimwe muri ivyo bibazo biri ku rupapuro rwa nyuma maze tukamubwira duti: “Nimba wipfuza kumenya inyishu, nogusigira ibi binyamakuru maze tukazoyaga vyinshi uronse akanya.” Hari n’abamamaji boshima gutanguza ibiyago mu kwereka uwo babwira inkuru nziza urupapuro rwa nyuma, bagaca bamusaba ngo yihitiremwo ikibazo kimushimisha. Boshobora rero kumwereka aho inyishu iri, bagaca basoma icanditswe baba bateguye. Kumbure wokwiyumvira n’ubundi buryo wokoresha urwo rupapuro rwa nyuma kugira ngo utume abantu bashimishwa n’Umunara w’Inderetsi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika