Ubusuku turangura buragaragaza urukundo dukunda Imana
1. Urukundo Yezu akunda Imana rwamuvyuriye umutima wo gukora iki?
1 Urukundo rwaravyuriye Yezu umutima wo kurangura ubusuku bwiwe. Umuce wose w’ubusuku Yezu yaranguye ni ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko akunda Yehova. Yezu yavuze ati: “Kugira ngo isi imenye ko nkunda Data, nk’uko nyene Data yantegetse gukora, ni ko nkora.” (Yoh. 14:31) Na twebwe nyene, kubera yuko turi abayoboke ba Yezu bakurikira intambuko ziwe, turafise agateka ko kugaragaza yuko dukunda Imana bimwe bigera kure mu busuku turangura.—Mat. 22:37; Ef. 5:1, 2.
2. Urukundo dukunda Yehova rugira ico rukoze gute ku busuku turangura?
2 “Izina ryawe niryezwe”: Igihe dukoresheje tubigiranye umwete akaryo kose tuba turonse ko kubwira abandi ibijanye na Yehova be n’intunganyo yashizeho yerekeye Ubwami, tuba twerekanye urwo dukunda Imana, kandi ku bwa ngingo, tuba turiko turagira ico duterereye mu bijanye no kweza izina ryiwe. (Zab. 83:18; Ezk. 36:23; Mat. 6:9) Nk’uko vyari biri ku busuku Yezu yaranguye, ubusuku turangura ni ikintu kibandanya kigaragaza ko dufise icipfuzo kivuye ku mutima c’uko izina rya Yehova ryokwezwa be n’uko ivyo agomba vyokorwa.—Mat. 26:39.
3. Ni mu buryo ki urukundo dukunda Yehova rudufasha gutsinda intambamyi?
3 Urukundo rutuma dutsinda intambamyi: Urukundo dukunda Yehova rurarengera inzitizi zose. (1 Kor. 13:4, 7) Yezu yarashikiwe n’ibintu bitari bike mu buzima vyari gushobora kumuca intege ntabe akirangura ubusuku bwiwe. Ariko rero, igihe yaba ashikiwe n’intambamyi, urukundo rugera ibwina yakunda Yehova be n’icipfuzo co gukora ivyo agomba vyaratuma ashobora kuzitsinda. (Mrk. 3:21; 1 Pet. 2:18-23) Na twebwe nyene turashikirwa n’ingorane nyinshi, izo na zo urukundo dukunda Imana rukaba rushobora kudufasha kuzirengera. Dukurikije neza akarorero Kristu yasize, twoshobora kwizigira tudakeka yuko tuzoshitsa ubusuku bwacu kandi ko tutazoteshwa ngo dute. Naho ukurwanywa n’abagize umuryango, amagara make, ubusaza canke ukutabinegwa kw’abantu muri rusangi vyoshobora kugira ico bidukozeko, ntibituma tureka kugaragaza urukundo dukunda Yehova mu gushitsa neza ubusuku turangura uko bishoboka kwose.
4. Urukundo dukunda Yehova rutuma turonka agateka akahe?
4 Urukundo rurafise ububasha, kandi ni agateka kubona dufise ubushobozi bwo kugaragaza ko dukunda Imana n’ubuzima bwacu bwose mu busuku turangura. (1 Kor. 13:13) Uko twegereza cane igihe izina rya Yehova rizokwezwa rimwe rizima, ese “urukundo [rwacu] rwogwira rukanarushiriza kuguma rugwira.”—Flp. 1:9; Mat. 22:36-38.