Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 8 RUHESHI
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv amayagwa y’inyongera ari ku rup. 212-215
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 1-5
No. 1: Abalewi 4:1-15
No. 2: Hoba hari ikintu na kimwe gikwiye gutuma twiyemera? (lr ikig. 21)
No. 3: Abakirisu bakwiye gukoresha gute ubukuru bafise?
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Ikibanza Gihambaye Yezu Afise mu Mugambi w’Imana. Insiguro ishingiye ku makuru ari munsi y’agatwe gatoyi gatangurira ku rupapuro rwa 276 mu gitabu Ishure ry’Ubusuku.
Imin. 10: Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Rusama. Nimugire umwerekano werekana uburyo bwo kubishikiriza bwagaragaye ko ari ngirakamaro mu karere iwanyu. Nimwerekane kandi ukuntu mwokoresha ivyo bisohokayandikiro igihe musaba abantu ngo mubigishe Bibiliya.
Imin. 10: “Ubusuku turangura buragaragaza urukundo dukunda Imana.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.