Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 11 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 11 RUSAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv amayagwa y’inyongera ahera ku gatwe kari ku rup. 209 agashika ku gatwe kari ku rup. 212
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 27-29
No. 1: Kuvayo 29:1-18
No. 2: Uburyo bwo kugira agahimbare (lr ikig. 17)
No. 3: Ukudahemuka kutari kwo be n’ingeramizi zakwo
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu buruhuko? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe ku rupapuro rwa 112-113. Nuvuge ibisabwa kugira umuntu akore ubutsimvyi bwo gufasha, wongere usabe ababukoze bagire ico bavuze ku bijanye n’ivyiza bahakuye.
Imin. 10: Nimwitegurire ubusuku uko mugize umuryango! Nubaze muri make ibibazo ba serugo babiri bahora bafata umwanya mu gihe c’Ugusenga kwo mu muryango bakitegurira ubusuku. Bitegura gute, kandi ni gute bene ukwo kwitegura kwabaye ngirakamaro? Nimugire umwerekano w’ukuntu serugo umwe akoresha udukino tw’imyimenyerezo mu kwitegurira gushikiriza ibinyamakuru.
Imin. 10: “Twigishe mu buryo bworoshe.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.