Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nyak.
“Abantu benshi baramenyereye amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 6:9. [Soma.] Yamara abatari bake babona ko bigoye kwumva biyegereje Imana nka Se wabo. Wibaza ko dushobora kwiyegereza Imana gute? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino kamere zitandukanye za Data wa twese wo mw’ijuru be n’ukuntu dushobora vy’ukuri kumumenya.”
Réveillez-vous! Nyak.
“Mu binjana n’ibindi vyarenganye, hagiye haravyuka impari ku bijanye n’ingene ubuzima bumera umuntu amaze gupfa. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba ikintu Yobu yavuze ko yemera. [Soma Yobu 14:14, 15.] Ibi biganiro birerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene ubuzima bumera umuntu amaze gupfa.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nyak.
“Wibaza ko ari hehe tworonderera impanuro zo kwizigirwa igihe dushaka gufata ingingo zihambaye? [Rindira yishure, maze uce usoma Imigani 3:5, 6.] Iki kiganiro kirashimika ku bukerebutsi buva ku Mana bwo kubanza kurimbura ingaruka imbere yo gufata ingingo.” Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 8.
Réveillez-vous! Nyak.
“Woba wibaza ko Imana yashaka ko abantu bamererwa nabi kubera ubukene bw’ibifungurwa bwugarije isi muri kino gihe? [Rindira yishure.] Raba umugambi ifise wo gutorera umuti iyo ngorane. [Soma Zaburi 72:16.] Iki kiganiro kirasigura ukuntu Imana izotuma isi isubira kuba Iparadizo.” Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 7.