Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Muny.
“Vyosaba iki kugira ngo dutume haba isi nziza kuruta, irushiriza kubamwo agahimbare? [Nureke yishure.] Umuntu yaragerageje ubwoko butandukanye bw’intwaro kugira ngo atume ibintu birushiriza kumera neza. Ariko raba ukuntu Imana ibibona. [Nusome Yeremiya 10:23.] Iki kiganiro kirahishura ‘Icotuma Isi Ihimbarwa,’ mu kwerekana ingene ivyo bigiye kuranguka vuba.”
Réveillez-vous! 22 Git.
“Woba wemera ko abantu ubu bisa n’uko babayeho mu gihe c’umukazo ukomeye kuruta uwigeze kubaho? [Nureke yishure.] Ivyo Bibiliya yari yarabivuze. [Nusome muri 2 Timoteyo 3:1.] Abantu benshi basanga ubuzima bugoye gushika naho batana n’akabando. Iki kinyamakuru kiratanga indemesho nyayo. Kirerekana ingene tworwanya ukwihebura maze bigatuma ukubaho kwacu kugira agaciro.”
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 1 Muny.
Umaze kuvuga amakuru atandukanye aca ivutu, nubaze uti: “Ni kuki abantu bakora mwene ivyo bibi? Twese dukwiye kuba tuzi gutandukanya iciza n’ikibi, yamara abantu baguma bakora ibibi. Ni kubera iki? [Amaze kwishura, nusome Ivyahishuriwe 12:9.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu twokwikingira mu kurinda ijwi ryacu ryo mu mutima.”
Réveillez-vous! 8 Muny.
“Kumbure uremera ko tubayeho mu bihe vy’ubukazi. [Amaze kwishura, nusome 2 Timoteyo 3:3.] Akenshi ibikorwa biranga ‘ubukazi’ usanga vyiyadukiza no mu rugo. Iki kiganiro kivuga ngo ‘Imfashanyo ku Bakenyezi Bakubitwa,’ kirashikiriza ubutumwa burimwo icizigiro. Ushobora kuba uzi umuntu ushobora kukibwira.”