Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Abavyeyi bompi boba bakwiye gutanga raporo y’umwanya wakoreshejwe mu nyigisho y’umuryango idahorereza?
Naho ba sebibondo ari bo ahanini bajejwe ibanga ryo kurera abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze,” abavyeyi bompi baragira uruhara mu vyo kwigisha abana babo. (Ef. 6:4) Bibiliya iremesha abana iti: “Mwana wanje, umva inyigisho ya so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko.” (Imig. 1:8) Umuce umwe uhambaye abavyeyi bikorako mu kwigisha abana babo ni inyigisho ya Bibiliya y’umuryango.
Muri kahise, umuvyeyi yayobora inyigisho y’umuryango urimwo abana batarabatizwa, ni we gusa yatanga raporo y’umwanya ukoreshwa mu gihe c’iyo nyigisho, n’igihe nyene abavyeyi bompi baba bagize uruhara muri yo. Ariko rero, ukwo si ko bigiye kubandanya bigirwa. Nimba mu gihe c’inyigisho y’umuryango abavyeyi bompi bagira uruhara mu kwigisha abana babo, bompi rero boshobora kuza barashira kuri raporo yabo y’umurimo wo mu ndimiro isaha imwimwe itarenga buri ndwi. Mu vy’ukuri, abavyeyi usanga muri rusangi bamara umwanya urenga isaha imwe ku ndwi bariko barigisha abana babo. Kwigisha abana bisaba ko abavyeyi babo bompi baguma bagira utwigoro badatezura. (Gus. 6:6-9) Ariko rero, raporo y’umurimo wo mu ndimiro ya buri kwezi ikwiye ahanini kuba yerekana ivyo nyene kuyitanga aba ariko ararangura mu ndimiro. Ni co gituma badakwiye guharura umwanya urenga isaha imwe ku ndwi, naho nyene iyo nyigisho yoba yamaze umwanya urenga isaha imwe, canke ikaba yayobowe incuro zirenga imwe ku ndwi, kibure ikaba yagiriwe umwana umwe wese ukwiwe. Umuvyeyi umwe gusa ni we yokwandika kuri raporo iyo nyigisho ya Bibiliya y’umuryango be n’isubirayo rimwe gusa buri ndwi uko iyo nyigisho iyobowe.