Niwigishe abandi gukunda Yehova
1. Ni igiki gikwegera bamwebamwe kuri Yehova?
1 Woba wibuka igihe wumva ivyerekeye Yehova ari bwo bwa mbere? Ni igiki catumye ukwegerwa kuri we? Abantu benshi b’umutima nziraburyarya bazokubwira yuko bakwegerewe k’Umuremyi wacu igihe bamenya kamere ziwe ntangere, na canecane impuhwe ziwe be n’urukundo rwiwe.—1 Yoh. 4:8.
2, 3. Dushobora gute gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kugira ngo dufashe abatohoji ba Bibiliya kurushiriza gukunda Yehova?
2 “Iyi ni yo Mana yacu”: Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kirashira ahabona urukundo rwa Yehova be n’igituma bikenewe yuko tugiranira ubucuti na we. Dushobora gute gukoresha ico gitabu mu kwigisha abandi kugira ngo bagende bararushiriza gukunda Imana? Igihe dushimika ku ciyumviro gishasha, twoshobora kubaza ibibazo bisaba kuzirikana nk’iki ngo “Ni igiki uku kuri guhishura ku vyerekeye Yehova?” canke ngo “Iki ciyumviro cerekana gute ko Yehova ari we Muvyeyi mwiza kuruta abandi bose umuntu uwo ari we wese yokwipfuza kugira?” Kwigisha muri ubwo buryo birashobora gufasha umutohoji gutangura kugiranira na Yehova ubucuti buramba.
3 Igihe dufasha abatohoji ba Bibiliya kubona ukuntu ari agateka kwironsa ubumenyi bwerekeye ya Mana yonyene y’ukuri, bazoshika ku kwemera icese amajambo Yesaya yavuze, agira ati: “Iyi ni yo Mana yacu.” (Yes. 25:9) Igihe tubasigurira Ijambo ry’Imana, turakwiye gushimika ku kuntu umuryango w’abantu uzohezagirwa, imigambi ya Yehova niyamara kuranguka biciye ku ntwaro yiwe y’Ubwami izoba irongowe na Kristu Yezu.—Yes. 9:6, 7.
4, 5. Gukunda Yehova bisobanura iki?
4 Icerekana ko dukunda Yehova: Turazi yuko gukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubuzima bwacu bwose n’umuzirikanyi wacu wose, birimwo n’ibindi uretse gusa kuba dufitiye Imana inyiyumvo zikomeye. Dutegerezwa kubona ibintu nk’uko abibona, kandi akaba ari vyo tuguma twumiyeko. (Zab. 97:10) Urukundo dukunda Imana rugaragarira mu kuntu tugamburuka amabwirizwa yayo yose no mu kuntu tubandanya dukora “ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana,” naho twoba turi mu bigeragezo canke turiko turarwanywa.—2 Pet. 3:11; 2 Yoh. 6.
5 Dukoze ivyo Imana igomba tubitumwe n’urukundo tuyikunda, ni ikintu gihimbaye. (Zab. 40:8) Umutohoji wa Bibiliya ategerezwa gutahura ko amabwirizwa yose Imana yayatanze ku bw’ineza yamaho y’abasavyi bayo. (Gus. 10:12, 13) Igihe umuntu abayeho yisunga ubuyobozi Yehova atanga, aba yerekanye ko akenguruka bimwe bigera kure ibikorwa bitangaje vyose yakoze. Nufashe umutohoji gutahura yuko kugendera mu nzira zigororotse za Yehova bikingira umuntu ibintu vyinshi bitera umubabaro kandi bivuna umutima.
6. Ni imihezagiro iyihe umuntu yoshobora kwironkera kubera ko akunda Yehova?
6 Imihezagiro abakunda Imana baronka: Yehova aritwararika bimwe bigera kure abantu bicisha bugufi bamukunda, akongera akabahishurira “ibintu vyimbitse vy’Imana.” (1 Kor. 2:9, 10) Bafise ubwo bumenyi bwerekeye imigambi ya Yehova, baraheza bakabona kazoza mu buryo butomoye bakongera bakagira icizigiro ntakekeranywa. (Yer. 29:11) Abakunda Yehova barungukira ku buntu budasanzwe bwiwe. (Kuv. 20:6) Barafise icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera kubera ko Imana ibakunda cane.—Yoh. 3:16.
7. Wewe wumva umerewe gute ku bijanye n’ibanga ufise ryo kwigisha abandi gukunda Yehova?
7 Uko turushiriza kumenya ivyerekeye Data wa twese wo mw’ijuru, ni ko tubwirizwa kurushiriza kubibwira abandi. (Mat. 13:52) Ese ukuntu ari agateka ntangere kwigisha abandi gukunda Yehova, na canecane abana bacu! (Gus. 6:5-7) Ese twese hamwe, n’abatohoji bacu ba Bibiliya badasigaye inyuma, twobandanya gushemeza Yehova uko twibonera ‘ukumera neza kwiwe kwinshi.’—Zab. 145:7, NW.