Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.
“Nashaka kukubaza ico wiyumvira kuri iki canditswe kimenyerewe cane. [Soma Yohani 3:16.] Woba urigera wibaza ingene urupfu rw’umuntu umwe rushobora gutuma abandi baronka ubuzima budahera? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga insobanuro itomoye kandi imara akanyota ku bijanye n’ukuntu dushobora kwungukira ku rupfu rwa Yezu.”
Réveillez-vous! Ntwar.
“Woba wibaza ko amadini yose ari meza? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’uburyo abantu bamwebamwe basenga. [Soma Mariko 7:7.] None umuntu ashobora gute kumenya ko idini rinaka ryigisha ukuri, ritigisha ‘ivyategetswe n’abantu’? Mbega hoho umuntu yoba ashobora kumenya ukuri ku vyerekeye Imana? Iki kinyamakuru kirishura ivyo bibazo.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.
“Buri musi turumva ibijanye n’ugucumukura, indwara be n’urupfu. Woba wibaza ko tuzokwigera dukizwa ivyo bintu vyose? [Rindira yishure.] Iki canditswe co muri Bibiliya caratumye abantu amamiliyoni bagira icizigiro. [Soma Yohani 3:16.] Iki kinyamakuru gifise umutwe uvuga ngo ‘Ukuntu urupfu rwa Yezu rushobora kugukiza’.”
Réveillez-vous! Ntwar.
“Woba wibaza ko kwemera ibintazi ata co bitwaye canke wibaza ko biteye akaga? [Rindira yishure.] Raba aya majambo ahambaye Bibiliya ivuga. [Soma Yesaya 65:11.] Iki kiganiro kirerekana nimba kwemera ibintazi vyoba bihuje canke bidahuje n’inyigisho za Bibiliya.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.