Twirure abagandaye
1. Ni kubera iki abagandaye bakeneye kwirurwa?
1 Kubura umuntu biravuna umutima, na canecane ku bantu badafise icizigiro c’Ubwami. (1 Tes. 4:13) Abantu benshi barakunda kwibaza bati: ‘Ni kubera iki abantu bapfa? Iyo bapfuye baja he? Noba nzosubira kubona uwanje yapfuye?’ Aha hepfo turahasanga ivyiyumviro bimwebimwe twokoresha mu kwirura abantu duhura mu murimo wo mu ndimiro, baba bagandaye kubera ko babuze incuti canke umugenzi.—Yes. 61:2.
2. Mu gihe uwo dusanze ku muhana atubwiye yuko atuntuye, twoba dukwiye kuhateba igihe dushinga intahe?
2 Inzu ku nzu: Uwo dusanze ku muhana yoshobora kutubwira yuko hari umuntu wo mu muryango wiwe yapfuye. Yoba yishwe n’intimba? Iyo nzu yoba yuzuyemwo abantu b’incuti batuntuye? Mu bihe nk’ivyo, vyoshobora kuba vyiza tutahatevye igihe dushinga intahe. (Umus. 3:1, 7) Kumbure twoshobora kumubwira yuko tubabajwe n’uko yabuze, tukamuha agapapuro k’inkuru nziza canke ikinyamakuru cabure agatabu bihuye n’ico gihe arimwo, maze tukamusezera tumusaba imbabazi kuba tuhamaze akanya gatoyi. Mu nyuma turashobora gusubira kumugendera mu gihe kirushirije kuba ikibereye kugira ngo dusangire izindi ndemesho zo muri Bibiliya.
3. Nimba bidukundiye bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe, ni ivyanditswe ibihe twokwereka uwo twasanze ku muhana atuntujwe no kubura uwiwe?
3 Mu bindi bihe, twoshobora kubona ko bishoboka yuko tuvuga vyinshi ari ho tukigendera uwo muntu. Naho ico atari co igihe co kubeshuza ivyiyumviro bitari vyo, twoshobora gusomera hamwe imihango Bibiliya itanga ku bijanye n’izuka. (Yoh. 5:28, 29) Canke twoshobora kurabira hamwe ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu abapfuye amerewe. (Umus. 9:5, 10) Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivyerekeye izuka na yo nyene yoshobora kubahumuriza. (Yoh. 11:39-44) Ikindi kintu umuntu yogira, kwoba ukurimbura amajambo ajanye no kwizigira Yehova wa mwizigirwa Yobu yavuze. (Yobu 14:14, 15) Imbere y’uko tugenda, twoshobora gutanga ka gatabu kavuga ngo Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, akavuga ngo Iyo Uwo Wakunda Apfuye, canke akandi gatabu gahuye n’ico gihe barimwo, kibure agapapuro k’inkuru nziza. Canke twoshobora gusiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, tukerekana ibiri mu kigabane ca 6, hanyuma tukaringaniza ivyo kwinjira mu mizi ico kiganiro tugarutse.
4. Ni utundi turyo utuhe dufise two kwirura ababuze ababo?
4 Mu bindi bihe: Nimba insiguro y’amaziko izobera ku Ngoro y’Ubwami, hoba hazoba hariho abantu batari Ivyabona vya Yehova? Hoshobora gutegekanywa ibitabu bibirura. Hari abakorera mu bibanza bitegurirwamwo ivy’amaziko bashimye kuba bafise ibitabu binaka vyirura kugira ngo imiryango ituntujwe no kubura ishobore kuvyironsa. Rimwe na rimwe, amatangazo y’amaziko asohoka mu binyamakuru yaratumye haboneka akaryo ko kwandikira agakete ko kwirura abagize umuryango bagandaye. Igihe kimwe, umugabo yapfakaye be n’umukobwa wiwe bamaze kuronka ikete ryarimwo udupapuro tw’inkuru nziza, baciye baja kuraba umwamamaji yari yabandikiye, uwo mugabo aca amubaza ati: “Ni wewe wandungikiye iri kete? Urazi, ndashaka kumenya n’ibindi ku vyerekeye Bibiliya!” Uwo mugabo n’umukobwa wiwe baremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya maze baratangura kwitaba amakoraniro y’ishengero.
5. Ni kubera iki dukwiye kuba maso kugira ngo ntihagire uturyo tuducika two kwirura abatuntuye?
5 Mu musiguzi 7:2 havuga hati: “Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire.” Uwugandaye usanga akenshi yipfuza kwumviriza Ijambo ry’Imana kuruta uwukunda ivyo kwinezerererwa. Twese turakwiye kuba maso kugira ngo ntihagire uturyo twiza tuducika two kwirura abatuntujwe n’ukubura uwabo.