Tugume dutera imbere mu busuku turangura
1 Data wa twese wo mw’ijuru arahimbarwa igihe abasavyi biwe batera imbere mu vy’impwemu. Ivyo birimwo gutera imbere tukaba abasuku b’inkuru nziza bahumuye kandi babishoboye. Paulo yaremesheje umucungezi Timoteyo gushishikara kwihata kugira ngo iterambere ryiwe rishobore kwibonekeza. (1 Tim. 4:13-15) Twese dukwiye kwihatira kuryohora ubusuku bwacu, eka n’abo muri twebwe bamaze kuba abamamaji babimenyereye.
2 Twishingire imigambi: Kugira ngo dutere imbere, bisaba ko twishingira imigambi. Ni nk’imigambi imwimwe iyihe twokwishingira? Twoshobora kugerageza kurushiriza kuba abantu bazi gukoresha neza inkota yacu yo mu vy’impwemu, ari yo Bibiliya. (Ef. 6:17) Kumbure hariho umuce munaka w’ubusuku dukeneye kuryohora, nko gushinga intahe mu mabarabara, kuri telefone canke mu cibare gikorerwamwo ivy’ubucuruzi. Hari n’aho twoba dukeneye kwihatira kugira amasubirayo arushirije kugira ico avamwo. Uwundi mugambi mwiza cane twokwishingira ushobora kuba ari uwo kuryohora ubuhanga bwacu bwo gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya.
3 Ivyodufasha: Amakoraniro y’ishengero, canecane Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo, yagenewe kudufasha gutera imbere uko turi abasuku. Uko turushiriza kugira utwigoro two gutegura ayo makoraniro no kuyitaba, ni ko n’ivyiza tuzoronka bizorushiriza kuba vyinshi.—2 Kor. 9:6.
4 Turakeneye kandi gufashanya kugira ngo dutere imbere. (Imig. 27:17) Kwumviriza twitonze ukuntu abo turi kumwe mu busuku bashikiriza inkuru nziza bizodufasha kugira ivyo turyohoye. Vyongeye, umucungezi wacu w’inyigisho y’igitabu yoshobora gutunganya ivy’uko dusahirizwa umwumwe wese ku giti ciwe. Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba hari umutsimvyi azi utuntu n’utundi canke uwundi mwamamaji azi utuntu n’utundi ashobora kudufasha kurushiriza kuba ababishoboye, gutyo tukironkera umunezero utagira uko ungana mu busuku! Hoba hariho umwamamaji mushasha mu mugwi wacu w’inyigisho y’igitabu? Kumbure twokwibwiriza kumusaba ngo dukorane mu busuku.
5 Igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose kiriko kirarangurwa muri iki gihe, ni ubusuku bwa gikirisu. Igihe dushikanira Yehova “ikimazi [cacu] c’ishemezo,” twipfuza kumushikanira ikimeze neza kuruta ibindi. (Heb. 13:15) Turamutse twihase kugira ngo tugume dutera imbere mu busuku, tuzoba abakozi ‘batagira ikibatetereza, bakoresha neza ijambo ry’ukuri.’—2 Tim. 2:15.