Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 14 Ndamukiza
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gushikiriza ibinyamakuru bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante be na Réveillez-vous! yo muri Ntwarante.
Imin. 15: “ ‘Mwerekane ko muri abantu bashima.’ ”a Nimba umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.
Imin. 20: “Twirure abagandaye.”b Nusabe abumviriza bigane ibintu bishimishije biboneye igihe bariko barirura uwabuze uwiwe.
Indwi itangura ku wa 21 Ndamukiza
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Soma raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abumviriza kuzoza bitwaje Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante be na Réveillez-vous! yo muri Ntwarante kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo ku ndwi ikurikira no kwitegura neza kugira ngo bazokwigane uburyo bubereye bwo gushikiriza ivyo binyamakuru mu cibare cacu.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: Umucungezi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi arashira ahabona ivyiyumviro nyamukuru vyo mu kigabane ca 8 co mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, kivuga ivy’urugero rw’ijwi rubereye. Nuremeshe bose kuza baratanga insasanuro zabo mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero n’ijwi ryumvikana kugira ngo bose bazungukireko.
Indwi itangura ku wa 28 Ndamukiza
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ndamukiza. Ukoresheje Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante be na Réveillez-vous! yo muri Ntwarante, nuvuge incamake y’ikinyamakuru kimwekimwe cose muri ivyo, maze usabe abumviriza bavuge ibiganiro babona ko vyorushiriza gushimisha abantu bo mu cibare cabo be n’igituma babona ko vyobashimisha. Nusabe abumviriza batange ivyiyumviro vy’ingene bobishikiriza bakoresheje ibiganiro bimwebimwe bategekanya kuzokwerekana. Ni ikibazo ikihe coshobora gukoreshwa mu gutanguza ikiyago? Ni icanditswe ikihe co mu kiganiro coca gisomwa? Ico canditswe gishobora gute guhuzwa n’ico kibazo? Mukoresheje uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bwatanzwe n’abumviriza canke ubwo kurabirako dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami, nimugire umwerekano w’ingene ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa.
Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza.
Imin. 20: “ ‘Dukurikire neza intambuko ziwe.’ ”c Nimba umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.
Indwi itangura ku wa 5 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Yehova nta ho azoguta. Insiguro iremesha ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2005 urupapuro rwa 8-11.
Imin. 20: “Tugume dutera imbere mu busuku turangura.”d Igihe muriko murarimbura ingingo ya 3, nushiremwo insasanuro zo mu gitabu Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rwa 6-8, munsi y’agatwe kavuga ngo “Uburyo bwo Kuhungukira Bimwe Bishitse.”
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.