Dukore ivyiza twongere dusabikanye n’abandi
1 Doruka “yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi” (Ivyak. 9:36, 39). Agatima kiwe ko gutanga atitangiriye itama katumye akundwa cane n’abantu bari bamuzi be na Yehova Imana. Mu Baheburayo 13:16 havuga hati: “Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana”. Dushobora gute gukora ivyiza no gusabikanya n’abandi muri iki gihe?
2 Uburyo bumwe dushobora kugira ico tumariye abandi, ni mu gusabikanya na bo ‘ibintu vyacu vy’igiciro’ (Imig. 3:9). Intererano dutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zituma hashobora kwubakwa Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’Amateraniro be n’inyubakwa z’amashami hirya no hino kw’isi. Ugutanga kwacu tutitangiriye itama kwatumye abantu amamiliyoni bungukira ku nyigisho ya gitewokarasi no ku kwifatanya n’abandi kwo mu vy’impwemu kwubaka.
3 Uguhumuriza abandi: Igihe hateye ivyago, abasavyi ba Yehova baba bagabirije ‘kugirira neza’ abo basangiye ukwizera be n’abo badasangiye ukwizera (Gal. 6:10). Inyuma y’aho habaye uguturika mw’ihinguriro rimwe ryo mu Bufaransa rihingura ibintu bishobora kuvamwo ubumara, hari umugore n’umugabo bubakanye baba inyuma y’iryo hinguriro bavuze bati: “Abavukanyi bacu bakirisu baciye ubwo nyene baza kudufasha gusukura ivyumba vyacu be n’ivy’abandi bantu twari dusangiye inyubakwa. Ababanyi bacu baratangajwe rwose no kubona abantu benshi cane baraje gufasha”. Hari uwundi muvukanyikazi yongeyeko ati: “Abakurambere baraje kudufasha. Baraje kuturemesha. Kanatsinda, ico ni co twari dukeneye kuruta imfashanyo y’ivy’umubiri”.
4 Naho hariho uburyo bwinshi bwo gukorera ivyiza abantu nkatwe, uburyo ngirakamaro kuruta ubundi bwose dushobora kubafashamwo ni ugusangira na bo ubumenyi bw’agaciro bwerekeye ukuri, ubwo na bwo bukaba burimwo ‘icizigiro c’ubuzima budashira’ casezeranywe na Yehova ubwiwe (Tito 1:1, 2). Ubutumwa bwo muri Bibiliya buratanga impumurizo nyakuri ku bantu batuntujwe n’ibintu biriko biraba mw’isi be n’ukuba ari abanyavyaha (Mat. 5:4). Nimuze dukore ivyiza twongere dusabikanye n’abandi mu gihe tubishoboye.—Imig. 3:27.