ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/05 rup. 2-7
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 11 Ndamukiza
  • Indwi itangura ku wa 18 Ndamukiza
  • Indwi itangura ku wa 25 Ndamukiza
  • Indwi itangura ku wa 2 Rusama
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 4/05 rup. 2-7

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 11 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 4

Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama tugirwa ku rupapuro rwa 8 (niba bibereye mu cibare canyu), kugira mugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ntwarante. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Muri umwe muri iyo myerekano, umwamamaji abe ariko arashinga intahe mw’ibarabara.

Imin. 15: “Shishikara kwamamaza”.a Niba umwanya ubikunze, saba abumviriza batange insasanuro ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo.

Imin. 15: “Dukore ivyiza twongere dusabikanye n’abandi”.b Nuhuze ayo mayagwa n’ukuntu ibintu vyifashe aho iwanyu, uvuge uburyo buboneka dushobora gufasha abandi.

Ururirimbo rwa 47 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 18 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 76

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.

Imin. 15: “Ikete rivuye ku Nama Nyobozi”. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umukurambere, gishimika ku vyiyumviro nyamukuru vyo muri iryo kete.

Imin. 20: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 8”.c Shiramwo umwerekano mugufi aho umwamamaji aha umutohoji wa Bibiliya mushasha agatabu Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki?. Uwo mwamamaji yerekeze ivyiyumviro vy’uwo mutohoji kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 20 rw’ako gatabu, hanyuma amusigurire muri make ibijanye n’ikoraniro ry’icese. Amubwire umutwe-shimikiro w’insiguro y’icese izoshikirizwa ubutaha hanyuma ace amutumira kuyitaba.

Ururirimbo rwa 169 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 25 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 111

Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’amakete yarungitswe n’ishami yo gukenguruka intererano zatanzwe. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro zo muri Ndamukiza. Mukoresheje inama tugirwa ku rupapuro rwa 8 (nimba bibereye mu cibare canyu), nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku 15 Ntwarante na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ntwarante. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe ico umuntu yokwishura ku majambo yo guhagarika ikiyago avuga ngo: “Nta vyo nshaka.” (Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 8-9.). Nuvuge ibiganiro vyorushiriza guca bishimisha abantu mu cibare.

Imin. 15: “Koresha neza ka gatabu Inzira Ijana mu Buzima”. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimugire umwerekano w’uburyo bumwe bwo gutanguza ibiyago mu bwatanzwe mu ngingo ya 4, mwerekane ukuntu umuntu yoshikiriza mu buryo kirumara ako gatabu.

Imin. 15: “Umwana Wawe Yoba Akwiye Kuja mw Ishure ry’Indaro?”. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1997, urupapuro 29-32.

Ururirimbo rwa 8 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 2 Rusama

Ururirimbo rwa 148

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze mu ncamake ikiganiro kivuga ngo: “Ukwiga ka gatabu Mwame mugavye!”, kiri ku rupapuro rwa 6. Nuvuge yuko ayo mayagwa arimwo urutonde rw’ukurimbura ako gatabu. Remesha bose kwitegurira neza iyo nyigisho izotangurana n’indwi yo ku wa 23 Rusama no kuyigiramwo uruhara ku ndwi ku ndwi.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 20: “Abantu b’uburyo bwose bazokizwa”.d Nuhuze ayo mayagwa mu buryo ngirakimazi n’icibare canyu.

Ururirimbo rwa 112 n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika