Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Kig.
“Ikintu kimwe gitandukanya abantu n’ibikoko ni ubushobozi abantu bafise bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye. Ikibabaje ni uko abantu benshi bakora ibintu bibi. Wiyumvira ko ari kubera iki ibintu vyifashe gutyo? [Rindira yishure. Nuce usoma Yeremiya 17:9 canke Ivyahishuriwe 12:9.] Iki kinyamakuru kiravuga ikintu gishobora kudufasha kumenya ikibereye no kugikora”.
Réveillez-vous! 8 Kig.
“Amaterambere yagizwe mu vy’ubuhinga ntiyahinduye ikintu nyamukuru abantu bakeneye, ico na co kikaba ari ubugenzi. Mugabo none, woba warabonye yuko amahinduka yo mu kibano ashobora gutuma muri iki gihe biba urugamba gutsimbataza ubugenzi somambike? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 18:24.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu dushobora kuronka abagenzi nyakuri kandi tukabagumana”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Kig.
“Muri iki gihe c’umwaka, abantu bo hirya no hino kw’isi baribuka ivuka rya Yezu mu buryo bwinshi butandukanye. Woba wari uzi ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya busanisha ivuka rya Yezu n’amahoro aramba? [Rindira yishure. Nuce usoma Yesaya 9:6, 7.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu ayo mahoro azoboneka”.
Réveillez-vous! 22 Kig.
“Woba warabonye yuko ikibano gisa n’ikirushiriza gushimika ku kuntu abantu baboneka inyuma? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga zimwezimwe mu ngeramizi ziri mu vyo kurazwa ishinga birenze urugero n’ubwiza. Kiranashira ahabona agaciro k’ubwiza buhambaye kuruta ubundi”. Soma 1 Petero 3:3, 4.