Imihezagiro Iva ku Kugaragaza Ugukenguruka Urukundo rwa Yehova—Ikigabane ca 2
1 Mu kigabane giheruka co mu kwezi guheze ca kino kiganiro, twarashimikiye ku buryo bune dushobora kugaragarizamwo ukuntu dukengurukira Yehova ku bw’urukundo rwiwe mu busuku. (1 Yoh. 4:9-11) Ngaha turaja kwongerako ubundi buryo butanu duhezagirwamwo. Igihe tugize uruhara bimwe biboneka mu gufasha abandi mu vy’impwemu, turahezagirwa.
2 Gushinga Intahe Akaryo Kizanye: Ubwo ni uburyo bwimbuka haba mu kurondera abantu bashonje kandi banyotewe ukugororoka be no mu kubashikiriza ibisohokayandikiro vy’ingirakamaro. Birabereye ‘gucungura umwanya ubereye’ maze tugashinga intahe mu turyo twose no ku muntu wese duhuye na we. (Ef. 5:16) Igihe tugendeye incuti zacu turashobora kuronka uburyo bwo kubashingira intahe. Vyoshobora kudusaba ko tugira uburindutsi vy’ukuri kugira dushinge intahe muri ubwo buryo, ariko nimba dukenguruka urukundo Imana idufitiye n’ivyo abantu bakeneye, tuzoshinga intahe akaryo kose kabonetse. 2 Tim. 1:7, 8.
3 Umumisiyonari umwe yarahezagiwe cane kubera yatanguje ikiyago n’uwo bari bafatanije urugendo mu muduga wunguruza abantu. Uwo muntu yaragaragaje ko ashimishijwe. Yarahavuye aramugendera, maze inyigisho ya Bibiliya iratangura. Uwo mugabo yarakiriye ukuri kandi aratera imbere gushika naho yabaye umukurambere mw’ishengero.
4 Kwandika Amakete: Kumbure ntidushoboye kugenda inzu ku nzu kubera ubumuga bunaka bw’umubiri canke kubera ikirere kibi. Twoshobora kwandika amakete tubicishije kw’iposita, tugashingira intahe ngufi abantu tuzinanye baba barabuze abo bakunda, canke abo tutasanze i muhira mu cibare. Turashobora gusobekamwo kamwe muri twa dupapuro tw’inkuru nziza dusanzwe dufise kavuga ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya bukwegera kandi tukaremesha uwo twandikiye kuzodusubiza nimba afise ikibazo ico ari cose. Nukoreshe aderese yawe bwite canke iy’Ingoro y’Ubwami, ariko ntukoreshe aderese y’ibiro vy’ishami.
5 Gushinga Intahe Kuri Telefone: Ubwo ni uburyo bwiza bwo gushikira abantu bo mu bisagara bihambaye bimwebimwe usanga tudashobora kubona mu gikorwa c’inzu ku nzu. Tubigize twiyubara, tugakoresha ubugwaneza, ubugenge n’ubuhanga, twoshobora gusanga twakiriwe neza.
6 Igihe umuvukanyikazi umwe yariko arashinga intahe kuri telefone, yarabajije umugore umwe nimba ahora yiyumvira ico kazoza kamubikiye ubwiwe n’umuryango wiwe. Uwo mugore yavuze ko ahora avyiyumvira. Yaramuhishutse yuko yari yarigungiye i muhira iwe kubera ukwihebura. Uwo mugore yarakozwe ku mutima n’ukuntu yitwararitswe vy’ukuri na nya muvukanyikazi, bituma yemera kubonanira na we kw’isoko ryari hafi ya nya hantu. Icavuyemwo n’uko uwo mugore yemeye inyigisho ya Bibiliya bitagoranye!
7 Guha Ikaze Abashitsi: Nimba dukunda bagenzi bacu, tuzokwama tugavye mu kubona umushitsi wese agendeye ikibanza tugiriramwo amakoraniro kandi tugatuma yumva ko yisanze. (Rom. 15:7) Nutume yibonera ko ari mu bagenzi bitwararitse vy’ukuri ko amererwa neza mu vy’impwemu. Ukumwitwararika kuvuye ku mutima be n’ukumusaba ko twokwigana Bibiliya vyoshobora kumukabura akemera ko tumufasha.
8 Ukwigenza Neza Kwacu: Biciye ku kuntu twigenza neza, turashariza ukuri. (Tito 2:10) Igihe abantu bo mw’isi bavuga Ivyabona vya Yehova neza, baba bateye iteka Imana. (1 Pet. 2:12) Ivyo kandi birashobora gufasha abandi gutangura kugendera mu nzira ijana mu buzima.
9 Ni kuki utosubiramwo ubwo buryo butanu twogaragazamwo ko dukenguruka urukundo ntangere Yehova adukunda maze tukabushira mu ngiro? (1 Yoh. 4:16) Uzokwimbura imihezagiro myinshi uko uzogenda ubushira mu ngiro.