Ivyibukijwe
Ikete ryo ku wa 15 Gitugutu 1998 ryandikiwe Amashengero Yose, ryarasiguye ukuntu Agapapuro k’Ukugendera abashimishijwe (S-43) kokoreshwa. Amashengero yararemeshejwe kugumana utwo dupapuro kugira abamamaji bashobore kudukoresha. Rimwe na rimwe, ibiro birakoresha ako Gapapuro k’Ukugendera umuntu yashimishijwe kugira biyobore ishengero ku muntu ashobora kuba yandikiye ibiro asaba kuronka ikinyamakuru canke kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Wogira iki igihe uhawe Agapapuro k’Ukugendera umuntu yagaragaje ko ashimishwa n’ukuri? Dukwiye kwigana Yezu Kirisitu mu kwihutira ico kibazo tudatebaganye kandi tukamugirira akagongwe. (Soma Matayo 9:36-38) Dukwiye kugendera uwo muntu yashimishijwe vuba bishoboka, tukaraba neza kugira ntidute ako gapapuro. Mu turere two mu misozi tudafise aderese iboneka, bishobora gutera ingorane kubonana n’abantu nk’abo bashimishijwe. Rimwerimwe vyoshoboka ko bashikirwa biciye kuri aderese ya posita igihe izwi. Uko biri kwose, nimba uronse Agapapuro k’Ukugendera umuntu yashimishijwe, nuce ugira ico ukoze ukikabona. Nimba usanze udashobora gukurikirana nya muntu ashimishijwe ku bw’imvo yinaka, nuce wihutira gusubiza ako gapapuro umucungezi w’umurimo, na we akazoraba nimba hari uwundi mwamamaji ashobora kugendera uwo yashimishijwe. Turamaze kuronka inkuru z’ivyabonywe ziremesha zerekeye abantu bemeye ukuri kubera ko umuntu atafashe minenegwe ubwo buryo bwo gushinga intahe. Nkako, turafise umuvukanyi akora muri bimwe mu biro vyacu yagendewe biciye kuri iyo ndinganizo y’Agapapuro k’Ukugendera abashimishijwe. Nimurabe iryo kete ryandikiwe amashengero yose ku wa 15 Gitugutu 1998, ku vyerekeye Agapapuro k’Ukugendera abashimishijwe hanyuma mushimikire ku ngingo nkurunkuru.