ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/01 rup. 3-4
  • Nutsimbataze Ububasha Bwawe bwo Gutegera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutsimbataze Ububasha Bwawe bwo Gutegera
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Rwaruka—Nimumenyereze Ububasha Bwanyu bwo Gutegera!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Woba Ushobora “Gutandukanya Ikibi n’Iciza”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nubandanye kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 11/01 rup. 3-4

Nutsimbataze Ububasha Bwawe bwo Gutegera

1 Iyi misi y’iherezo igoye turimwo ubu, yakwegeye abasavyi b’Imana aho bari hose imikazo myinshi kuruta n’ibigeragezo bikomeye vyo mu buryo bwose. (2 Tim. 3:1-5) Twese turakeneye indemesho kugira tugume duhagaze dushikamye mu kwizera. (1 Kor. 16:13) Dushobora kubishikako tubifashijwemwo na Yehova uko tubandanya gufungura kw’Ijambo ryiwe ubudasiba, tukiheka ku mpwemu yiwe kandi tukumira kw’ishirahamwe ryiwe.—Zab. 37:28; Rom. 8:38, 39; Ivyah. 2:10.

2 Umutwe wavuga ngo “Mucike Abakuze mu Bubasha bwo Gutahura,” uwashimikiweko muri porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu mwaka uheze, waje hageze. Wari ushingiye ku 1 Ab’i Korinto 14:20, (NW) aho dusoma amajambo ya Paulo akurikira: “Bavukanyi, ntimucike abana batoyi mu bubasha bwo gutahura, ariko mube inzoya ku vyerekeye ububi; yamara mucike abakuze mu bubasha bwo gutahura.” Iyo porogarama wayumvise gute?

3 “Ese ukuntu yaremesha!” “Ivyo nyene ni vyo twari dukeneye yemwe!” Izo zari inyishu zibiri gusa mu zatanzwe. Eka mbere n’umuntu atari Icabona yaje kuri uwo musi w’iteraniro ridasanzwe, kugira ngo arabe ukuntu umukobwa wiwe w’imyaka 12 abatizwa, yavuze yuko yatangajwe cane n’iyo porogarama kandi ko yashoboye kwibonera ukuntu umuryango wiwe uzoyungukirako. Woba ari uko na we ubibona? Reka twiyibutse zimwezimwe mu ngingo nkurunkuru zari zigize iyo porogarama.

4 Ubumenyi Butarimwo Agakosa Ni Ngombwa Kugira Dutsimbataze Ububasha Bwacu bwo Gutegera: Mu nsiguro ya mbere, ikaba yavuga ngo “Nutsimbataze Ububasha Bwawe bwo Gutahura Ubu,” ni igiki umushikirizansiguro yashimitseko gikenewe kugira umuntu ahangane n’ingorane zo muri iki gihe? Ni ikintu kirengeye ububangukirwe bwo mu bwenge. Dutegerezwa gutsimbataza kandi tugatuma ububasha bwacu bwo gutahura Bibiliya bugera i bwina, kugira ngo ntidutsindwe n’ububi bwose buduhanamiye. Ukwo gutahura gutuma turondera kuyoborwa n’Imana. Nka kumwe k’umwanditsi wa Zaburi, dutegerezwa gusaba Yehova mw’isengesho kugira ngo atume dutahura ivyagezwe vyiwe hamwe n’ivyo atwibutsa kugira tubashe kumukorera tudakebaguzwa.—Zab. 119:1, 2, 34.

5 Mu gice cakurikiye, umucungezi w’umuzunguruko yarerekanye yuko Yehova aduha “Ibikoresho Bifasha Umuntu Kuba Uwukuze mu Butahuzi bwa Bibiliya” biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. Gutahura kwadondowe ko ari “ubushobozi bwo kubona ikintu no gutegera ibikigize mu kubona isano riri hagati y’ibihimba vyaco be n’uko bingana, gutyo ukanyurwa n’ico gisobanura.” Ni nde ashobora kudufasha gutsimbataza ubwo bushobozi? Yehova yaraturonkeje ingabirano z’abantu badufasha kugira iterambere mu vy’impwemu. (Ef. 4:11, 12) Ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi riraduhimiriza gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi be no kwitaba amakoraniro y’ishengero ubudahorereza. (Zab. 1:2) Turigishwa ukuntu twokoresha Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vyacu vya gikirisu mu kwiyigisha ubwacu no mu kwiga n’umuryango eka mbere no mu gutegura amakoraniro be n’umurimo wo mu ndimiro. Woba uriko urungukira kuri izo ntunganyo? Woba uzigama urutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya udahorereza? Ivyo ni ntahara nimba dushaka gukingirwa kugwa mu mutego w’impengamiro, imideri, amafilozofiya be n’utwosho tw’uruhendo vy’iyi si.—Kol. 2:6-8.

6 Ububasha Bwacu bwo Gutahura Butegerezwa Kumenyerezwa: Mu nsiguro yiwe ya mbere, yari ifise umutwe ugira ngo “Nurinde Kamere y’ivy’Impwemu mu Kumenyereza Ububasha Bwawe bwo Gutegera,” umushikirizansiguro w’umushitsi yarasiguye yuko abari mw’isi badashobora gutandukanya ikibi n’iciza. (Yes. 5:20, 21) Ivyo bikaba biterwa n’uko banka kwemera icese ingingo mfatirwako zitunganye z’Imana be no kuzisunga. Ariko twebwe turaronka ukumenyerezwa kwo mu buryo bw’impwemu mw’ishirahamwe rya Yehova, turemera ingingo mfatirwako z’Imana, akaba ari zo zitubera inyobozo mu mirimo yacu no mu ngendo zacu. Gutyo rero, turashoboye guhitamwo iciza be n’igihimbaye mu nyonga za Yehova, tukanahitamwo ikijanye n’ukugomba kwiwe gutunganye.—Rom. 12:2.

7 Kugira twirinde ivyiyumviro vy’isi bivurunganye hamwe n’ingaruka mbi zamuka kuri vyo, dutegerezwa kubandanya kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera. Ivyo tubishikako gute? Nk’uko mu Baheburayo 5:12-14 habivuga, intumwa Paulo yashimikiye ku vy’uko hakenewe kwigaburira ivyo kurya atari gusa “amata” ya rya jambo. Turakeneye imfungurwa zikomeye z’ivy’impwemu, nka zimwe turiko turaronkera mu kwiga igitabu Ubumenyi kw’Ikoraniro ry’Igitabu ry’Ishengero. Hanyuma dutegerezwa gushira mu ngiro mu buzima bwacu ivyo twize tudatebaganye. Igihe tubigize gutyo, turajijuka yuko ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako za Yehova zigororotse. Ivyo biramenyereza ububasha bwacu bwo gutegera mu vyo gutandukanya bimwe bitomoye iciza n’ikibi.

8 Ikibabaje n’uko bamwebamwe badendebukiwe mu vy’impwemu. Kubera iki? Ntibitwararitse iciza be n’ibibereye mu nyonga za Yehova. Icavuyemwo ni uko bigaruriwe n’ibiganiro bica ku maradiyo no kuri televiziyo bivuga ibintu biteye amakenga mu vy’impwemu, imiziki yonona, canke utwosho tubi two ku mihora ya za orodinateri abantu baganirirako biciye mu kwandikirana. Dukoresheje ubukerebutsi, tuzokwikingira akosho k’abantu b’ibishegu, b’ibipfu kandi b’ababisha.—Imig. 13:20; Gal. 5:7; 1 Tim. 6:20, 21.

9 Abakiri Bato Bategerezwa Kuba “Inzoya ku Vyerekeye Ububi”: Iyo porogarama yari ifise ibice bibiri vyaremesha canecane abakiri bato gutsimbataza ububasha bwabo bwo gutegera. Abashikirizansiguro barerekanye yuko kuba “inzoya ku vyerekeye ububi” (NW) bisigura kuguma turi ibitazi, ukwo na kwo kukaba ari ukutamenya ikintu na kimwe nk’inzoya, ku vyerekeye ibintu bidatyoroye mu nyonga za Yehova. (1 Kor. 14:20) Twese twararemeshejwe kuguma tugavye ku kuntu dukoresha umwanya wacu kugira twirinde kwihereza ububi bw’ubwoko bwose budukikuje maze twirinde kwanduzwa na bwo. (Ef. 5:15-17) Twararemeshejwe guharura umwanya tumara turiko turasoma amayagwa ataco aterera ku gukura kwacu mu vyo gutahura ibintu vy’impwemu. Woba warabigize? Ivyavuyemwo vyakweretse iki? Ikigeretse ku gusoma Bibiliya ku musi ku musi, nitwishingire umugambi wo kuguma dusoma tudasibiriza amayagwa ishirahamwe rituronsa. Ivyo ni twabikora bizodufasha twese, harimwo n’abakiri bato, “[k]wironkera ubgenge.”—Imig. 4:7-9.

10 “Niwungukire ku Gushira mu Ngiro Ingingo za Bibiliya Ubigiranye Ugutahura”: Uwo ni wo wari umutwe w’insiguro yasozera porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe. Umushikirizansiguro w’umushitsi yarasiguye yuko Yehova ari we Soko ry’ugutahura gutanga ubuzima, ubwo na bwo bukaba buhambaye kuruta kure ni yo ugutahura kw’abana b’abantu. Iyumvire iyo uba woronse akaryo ko gusesa ugutahura kwa Yehova! Ukwo gutahura araguha atitangiriye itama abo bose bakurondera bivuye ku mutima kandi bakagusabana ukwizera. (Imig. 2:3-5, 9; 28:5) Woba uriko urungikira rwose kuri iyo ngabirano yiwe?

11 Twararemeshejwe kwiga kumenya ingingo ngenderwako igihe dusoma Bibiliya. (2 Tim. 3:16, 17) Nuzige witonze kugira utahure neza ico Yehova agomba kuvuga. Nufate umwanya wo kuzirikana kuri izo ngingo kandi uzigumane mu muzirikanyi wawe no mu mutima. Ivyo bizomenyereza ububasha bwawe bwo gutegera kugira ushobore kwererwa igihe ufata ingingo zerekeye ubuzima. (Yos. 1:8) Reka dufate ibintu bikeya abenshi bahangana na vyo hanyuma turabe ukuntu ugushira mu ngiro ingingo za Bibiliya bishobora kudufasha kwererwa.

12 ‘Noba nkwiye kwambara n’ukwitunganya mu buryo bunaka?’ Impengamiro z’isi mu vy’ugukurikira agaharawe mu vy’impuzu no mu vy’ukwitunganya kenshi na kenshi bigaragaza agatima ko kugarariza. Mwene ako gatima karosha abantu kugira urwangara mu kwambara kandi bakambara mu buryo butabereye ijisho canke naho bakagenda amenya. None ni ingingo ngenderwako za Bibiliya zihambaye izihe zidufasha kunanira mwene izo mpengamiro? Kuba twaramenyereje ububasha bwacu bwo gutegera, bizotuma turimbura ingingo ngenderwako dusanga muri 1 Timoteyo 2:9, 10 ivuga ngo twambare “[ku rugero rubayabaye], [“turoranye mu muzirikanyi,” NW] . . . nk’uko bikwiye [abantu] bavuga yuko bubaha Imana.” Izindi ngingo ngenderwako zikora kuri ivyo ziri mu bivugwa mu 2 Ab’i Korinto 6:3 be no mu B’i Kolosayi 3:18, 20.

13 ‘Ni igiki nshobora gukora kugira ngo ubumwe bw’umuryango wanje bukomere?’ Uguseruranira akari ku mutima kwiza hagati y’abagize umuryango ni ikintu ntahara. Yakobo 1:19 hatubwira hati: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga.” Abagize umuryango barakeneye gutega ugutwi be no kuganira kubera uguseruranira akari ku mutima mu muryango ari ikintu umuntu agirana n’uwundi. Mbere n’igihe ivyo tuvuga ari ukuri, iyo bivuzwe mu buryo buranga amanyama, ubwishime canke mu buryo butaranga igishika, bishobora kugira inabi kuruta uko vyogira ineza. Rero twaba turi serugo canke inarugo, umuvyeyi canke umwana, dukwiye kureka imvugo zacu “[zik]amana ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu.”—Kol. 4:6.

14 ‘Noba ndiko ndandukirwa n’agatima k’amaronko?’ Agatima k’amaronko ni umukazo w’iyi isi utuma ubuzima bw’umuntu bugora. Si yo nzira ijana ku gahimbare. (Umus. 5:10; Luka 12:15; 1 Tim. 6:9, 10) Yezu yaratwigishije ingingo ngenderwako ihambaye kugira adufashe kwirinda kugwa mu mutego w’amaronko, iyo na yo ikaba ari yo y’iyi: Kuremurura ijisho. Kubaho ubuzima buri ku burimbane, busanzwe harimwo guhanga amaso yacu ku nyungu z’ivy’Ubwami, ibisigaye vyose tukabishira mu kibanza ca kabiri.—Mat. 6:22, 23, 33.

15 Intumbero Yacu Ikwiye Kuba Iyihe: Ijambo ry’Imana ni isoko ryo kwizerwa ry’ingingo ngenderwako zigororotse ziturongora mu gihe dufata ingingo. Turakeneye kwiga izo ngingo, kuzizirikanako hamwe no gutahura ukuntu twozishira mu ngiro mu buzima bwacu. Nuko rero, ‘tumenyereje ububasha bwacu bwo gutegera kugira ngo dutandukanya iciza n’ikibi,’ tuzohungukira ubwacu kandi dutere iteka Yehova.—Heb. 5:14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika