Intumbero Ni Iyihe?
1 Ni kuki turongora inyigisho za Bibiliya ku mihana? Kwoba ari ugutanga ubumenyi gusa, kuryohora ingene abantu babayeho, canke gutuma abantu babona kazoza mu buryo bukayangana? Oyaye. Intumbero yacu nyamukuru ni ukubahindura abigishwa ba Yezu Kirisitu! (Mat. 28:19; Ivyak. 14:21) Ni co gituma abo twigana Bibiliya bakeneye kwifatanya n’ishengero. Ugutera imbere kwabo mu vy’impwemu kurafitaniye isano neza na neza n’ukuntu bashima ishirahamwe rya gikirisu.
2 Ukuntu Twoyishikako: Kuva mugitangura kwiga, nugume uhimiriza uwo mutohoji kwitaba amakoraniro y’ishengero. (Heb. 10:24, 25) Numusigurire ukuntu ivyo bizokomeza ukwizera kwiwe, ukuntu bizomufasha gukora ivyo Imana igomba n’ukuntu bizotuma aronka abandi bameze neza bifatanya bipfuza na bonyene gushemeza Yehova. (Zab. 27:13; 32:8; 35:18) Ukuntu ubwawe userura ko ukunda kandi uha agaciro ishengero be n’amakoraniro bizomuvyurira icipfuzo co kuyitaba.
3 Abashasha barakeneye gutahura ko ishirahamwe rya Yehova ari ikivukano mpuzamahanga. Aho bishoboka, nubereke za videwo zivuga ngo Les Témoins de Jéhovah: un nom, une organisation (Ivyabona vya Yehova—Ni Izina n’Ishirahamwe) hamwe n’iyivuga ngo Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi). Nubafashe gutahura yuko kw’isi yose Yehova ariko arakoresha abantu amamiliyoni bamwiyeguriye kugira ngo bashitse ivyo agomba. Nubwire abo bashasha ko na bonyene batumiwe gukorera Imana.—Yes. 2:2, 3.
4 Biratera umunezero utagira uko ungana kubona umutohoji wa Bibiliya acitse umwigishwa nyakuri wa Yezu. Iyo ni yo ntumbero yacu!—3 Yoh. 4.