ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/01 rup. 4
  • Woba Ushobora Gukorera Aho Bikenewe Kuruta Ahandi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ushobora Gukorera Aho Bikenewe Kuruta Ahandi?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Aburahamu—Akarorero k’Ukwizera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • “Se w’abari n’ukwizera bose”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Nugire Ukwizera nka Kumwe kwa Aburahamu!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Kubera iki Yehova yahaye Aburamu na Sarayi ayandi mazina?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 7/01 rup. 4

Woba Ushobora Gukorera Aho Bikenewe Kuruta Ahandi?

1 Woba urigera uzirikana ivyo kwimukira ahakenewe abandi bamamaji b’Ubwami? Mu gihe wotumirwa “[ku]jabuka . . . [ngo u]tabare,” wovyakira nk’uko intumwa Paulo yavyakiriye? (Ivyak. 16:9, 10) Mu mashengero menshi, harakenewe imiryango ihumuye mu vy’impwemu, abatsimvyi kugira ngo bafashe guhetura icibare. Canke usanga hakenewe abakurambere be n’abakozi b’ishengero bakwije ibisabwa kugira ngo bafashe mu kuba imboneza. Icibare gishobora kuba kigizwe n’udusagara be n’udusoko biri ukwa vyonyene bikwiragiye mu turere twagutse two mu misozi. Ingoro y’Ubwami yitwa ko iri hafi cane, ishobora kuba iri ku birometero vyinshi. Akazi gashobora kuba kataboneka cane. Ikirere gishobora kuba kitama nantaryo ari ciza. Woba ufise umutima ukunze wo kwemera kurwana mwene urwo rugamba? Bishoboka gute ko wererwa muri ivyo?

2 Ukwizera be n’Ukwizigira Birakenewe: Bivuye ku buyobozi bw’Imana, Aburamu yarahevye igisagara ciwe c’amavukiro c’i Uri maze afata urugendo rw’ibirometero 1.000 aja i Harani ari kumwe n’umugore wiwe, umuhungwabo be na se Tera yari ageze mu zabukuru. (Ita. 11:31, 32; Neh. 9:7) Tera amaze gupfa, Yehova yabwirije Aburahamu, ico gihe akaba yari afise imyaka y’amavuka 75, kuva i Harani be n’incuti ziwe kugira bafate urugendo baja mu gihugu Imana yomweretse. Aburamu, Sarayi na Loti “bihereza inzira.” (Ita. 12:1, 4, 5, NW) Ego ni ko, Aburamu ntiyimutse kugira ngo aje gukorera ahakenewe abasuku kuruta ahandi. Ariko ukwimuka kwiwe hari ico kwasaba. Uti igiki?

3 Vyasaba ko Aburamu agira ukwizera be n’ukwizigira kugira ngo agerageze gufata urwo rugendo. Ivyiyumviro vyiwe be n’uburyo bwiwe bwo kubaho vyategerezwa guhinduka. Yategerezwa guheba incuti ziwe zotumye yumva atekaniwe. Mugabo yarizigiye ko Yehova yomubungabunze we be n’urugo rwiwe. Benshi muri iki gihe baragaragaje ko bizigiye Yehova mu buryo nk’ubwo nyene.

4 Ibikebere vy’Igihe Gito: Woba urigera winovora imihezagiro myinshi iva ku gukorera mu cibare ata muntu yari yaragikebewe? Mu mwaka uheze amashengero menshi yaragenywe kugira ngo aheture icibare gikorerwamwo gake. Kuri amwamwe, ivyo vyasaba kugira ingendo ndende. Ako kigoro koba kari gakwiriye?

5 Cane nyene. Barabonye aho abamamaji bamwebamwe bahororokewe bari mu vyibare bimwebimwe ata muntu yari yarabikebewe, maze barafashwa basubira kugira umwete. Imigwi yaratangujwe mu tundi turere, kandi ubu iri mu nzira yo gucika amashengero yemewe. Mu mwaka uheze, abavukanyi benshi baragize umunezero mwinshi bongera bararemeshwa cane mu kwamamaza mu vyibare ata muntu yari yarabikebewe canke mu bikorerwamwo gake.—Zab. 100:2.

6 Kwemera igikebere c’igihe gito co gukorera aho bikenewe kuruta ahandi, birashobora gufasha kurangura uwundi mugambi. Ababigira barashobora kuronka amakuru y’ingirakamaro abafasha ‘kurimbura ico vyosaba’ kwimukira mu kandi karere k’igihugu.—Luka 14:28.

7 Yehova yariyemeje gutuma inkuru nziza yamamazwa kw’ “isi yose” imbere yuko umuhero uza. (Mat. 24:14) Ko ivyo ubizi, nimba ubishoboye, woba woshobora kugira umutima ukunze wo kwimukira aho bikenewe kuruta ahandi? Mu mihingo myinshi usanga hari ibikenewe.

8 Kwimukira Aho Bikenewe Kuruta Ahandi: Woba warakukurutse? Woba ufise uburyo kanaka buguma bukwinjiriza amahera? Nimba atabwo ufise, woba ushobora kuringaniza ivy’akazi wokwikorera? Nimba udashobora kwimuka, woba ushobora gusahiriza umwe mu bagize umuryango kugira ngo akorere ahandi? Nimba uba mu gisagara, woba waje uva ruguru aho usanga ata shengero rihegereye? Woba ushobora kuringaniza ivyo kuja kwamamazayo igihe uba uri mu kiruhuko, kumbure uri kumwe n’uwundi mwamamaji? Ukwo ni ko amashengero menshi yatangujwe mu vyibare ata muntu yari yarabikebewe.

9 Mu gihe umaze kubirimbura ubijanisha n’ugusenga cane ukumva ko ushobora kurwana urwo rugamba rwo kwimukira aho bikenewe kuruta ahandi, nuganire ico kibazo n’umuryango wawe be n’abakurambere bo mw’ishengero ukukira. Nutegure rero ikete maze urihe abakurambere kugira ngo bashobore gushiramwo ukuntu babibona be n’amajambo yo kukurata imbere y’uko barirungikira ibiro vy’ishami.

10 Ni ibiki ukwiye gushira mw’ikete ryawe? Imyaka ufise, itariki wabatirijweko, amabanga ujejwe mw’ishengero, uko ivy’umuryango vyifashe, na nimba woba ufise utwana dutoyi canke ko atatwo ufise. Nuvuge amazina y’ahantu ushima gukorera, ukurikije ivyo ubwawe ukeneye. Nk’akarorero, woba ushobora kuba ahashushe kandi hatera indugumba? Woba ushobora kwihanganira ahantu hakonje? Woba ushobora kuba mu misozi? Hoba hari izindi ndimi uvuga?

11 Woba ufise umwete kandi ukaba ari wewe uvyibwirije? Uko ivyawe vyifashe vyoba bigukundira ko ukorera aho bikenewe kuruta ahandi? Nimba ari ukwo biri, uzokwirabira rero ukuntu Yehova abandanya gucuncuburira imihezagiro myinshi ku bamwizigira uko bagaragaza agatima ko kwitanga!—Zab. 34:8; Mal. 3:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika