Bavyeyi, Ntimufate Minenegwe Akosho Televiziyo Igira ku Bana Banyu
1 Inyifato zo kurenza uruho rw’amazi ku bintu zirashobora kandi gutsimbatara mu bijanye n’ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ubushegabo. Televiziyo yacitse umurezi ku bakiri bato benshi, ariko kenshi na kenshi ivyo baraba abavyeyi ntibabisuzuma mu buryo bubereye, ivyo na vyo bikavamwo ingorane nyinshi. Hari abakuze baretse ivyiyumviro vyabo bifatwa mpiri n’ibikino biza biraca kuri televiziyo. Vyongeye, amashirahamwe y’ivy’ubudandaji yatumye abantu bashobora kuronka televiziyo canke amakaseti videwo. Ivyo birashobora kugira akamaro, yamara twokwemeza yuko abantu benshi babironka kugira ngo bashobore kurabira i muhira iwabo ivy’ukwinezereza vyinshi vyataye ubuntu, ari vyo usanga iri yaruka ryononekaye rihahamira. Egome, umuzirikanyi hamwe n’umutima birashobora kwononekara umuntu yibereye mu cumba mu gihe mwene ico gikoresho kihari. Naho ivyo bintu vyitwa “ukwinezereza” vyacitse nk’imfungurwa za misi yose ku gice kinini c’abantu, birabereye ko Abakirisu bibuka iyi nkeburo ya Paulo yo kwiyumvira ‘ibigororotse vyose, ibitānduye vyose n’ibishimwa vyose.’—Flp. 4:8; Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1983, urupapuro rwa 28-29, ingingo ya 17.
2 Ni mu buryo ki ivyanditswe bikurikira vyaganiriweko kw’iteraniro ry’umuzunguruko riheruka bifitaniye isano n’ico kibazo?—Yes. 5:20; Zab. 97:10; Ef. 5:3-7; Gal. 5:19-21; 1 Kor. 15:33; Gal. 6:7, 8; n’Imig. 27:12.