ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/01 rup. 1
  • Nimuze Twese Dutere Iteka Yehova n’Umwana Wiwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimuze Twese Dutere Iteka Yehova n’Umwana Wiwe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Nutere iteka ababibereye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nidutere Iteka Abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Woba uba uwa mbere mu vyo gutera iteka abo musangiye ukwemera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba uri uwa mbere mu gutera iteka abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 3/01 rup. 1

Nimuze Twese Dutere Iteka Yehova n’Umwana Wiwe

Ukuntu Abitavye Icibutso Bose kw’Igenekerezo ry’8 Ndamukiza Bashobora Kwunguka Bimwe Vyuzuye Kuruta

1 Ni nde muri iki gihe aterwa iteka ridasanzwe? Ni abo usanga ibikorwa baranguye vyubahwa cane n’isi. Ariko rero, mu bihe vyinshi, ibikorwa vyabo vyibagirwa ningoga. Ariko tuvuge iki ku bikorwa bigirira akamaro mu vy’ukuri umuryango wose w’abantu? Ibihambaye kuruta muri vyo tuzovyitwararika mu gihe duhimbaza za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, izuba rimaze gucokera kw’igenekerezo ry’8 Ndamukiza 2001.

2 Ni nde abereye guterwa iteka rihambaye kuruta? Bibiliya yishura iti: “Mwami wacu, . . . birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose.” (Ivyah. 4:11) Bwa Muremyi, Yehova ni Umutware Segaba w’ijuru n’isi. Ukuba abereye guterwa iteka ntibizokwigera bihera!—1 Tim. 1:17.

3 Yezu Kirisitu, Umwana w’Imana, yararanguye ibikorwa bibereye bizozanira umuryango w’abantu imihezagiro idahera. Yariganye Se wiwe mu buryo butagira agahaze. (Yoh. 5:19) Ukugamburuka kwiwe kutagira agakosa n’umurimo uranga ubwizerwe yakoze vyatumye “[aba uwu]bereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.” (Ivyah. 5:12) Se wiwe yaramuteye iteka mu kumwimika ngo abe Umwami. (Zab. 2:6-8) Ku ruhande rwacu na ho, tuzoronka akaryo ko gutera iteka Data n’Umwana mu gihe duhimbaza za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba kw’igenekerezo ry’8 Ndamukiza 2001.

4 Ikibabaje, abantu bakeyi ugereranije mu nkuru ya kahise y’abantu ni bo bateye iteka rikwiriye Yehova n’Umwana wiwe. Rimwe na rimwe, n’abasavyi b’Imana bo mu gihe ca kera, Abisirayeli, barangurira Yehova umurimo wo guheza umwuga gusa. Ukwo kwari ukutubaha kwibonekeje. (Mal. 1:6) Icubahiro kibereye gisaba ukugamburuka kuranga ubwizerwe gushingiye ku rukundo no ku gukenguruka ivyo Yehova n’Umwana wiwe badukoreye vyose. Gutera iteka no kwubaha nk’ukwo bisigura yuko twerekana ugutinya n’ukwiyorosha biranga ukwibanga Imana, tukemera icese Yehova na Yezu mu nzira zacu zose. Ishengero rya gikirisu ririhatira kwigisha no gufasha abandi ngo bagire nk’ukwo nyene.

5 Akaryo Kadasanzwe ko Kwerekana Ugutera Iteka: Ihimbaza ry’Icibutso ni umutororokano uri n’ico uvuze kuruta ku basavyi ba Yehova ku mwaka ku mwaka. Umuntu wese afise icipfuzo c’ugukorera Yehova no kumutera iteka akwiye kuba ari ho ari. (Luka 22:19) Twiteze ko ku Vyabona imiliyoni 6 b’abanyamwete, abashimishijwe bazokwongereza igitigiri c’abacitaba gishike ku barenga imiliyoni 14. Ese ingene ari akaryo keza ko gutera iteka Data wa twese wo mw’ijuru! Naho iryo himbaza rishimika kuri Yezu, ugutera iteka hamwe n’icubahiro vyerekanwa kubera ivyo yaranguye bininahaza Se, we yamutumye.—Yoh. 5:23.

6 Ni ibiki dushobora gukora kugira ngo dushigikire urwo rubanza rudasanzwe? Turashobora gufasha abashimishijwe bashasha kuhungukira bimwe vyuzuye. Nubahimirize kucitaba, kandi igihe bikenewe ubasahirize mu buryo buranga ubuntu kugira ngo ubafashe kuhashika. Nusigure intumbero y’iyo nsiguro. Nubamenyekanishe ku bandi. Ivyo babona n’ivyo bumva vyoshobora gutuma barondera kwiyunga natwe mu gutera iteka Yehova.

7 Ntidufate minenerwe ico iyo porogarama yoshobora kugira ku muntu. Umunyeshure umwe wo muri kaminuza yavyakiriye muri ubu buryo, avuga ati: “Naritavye Isakaramentu ry’ugusangira incuro nyinshi mw’idini ndimwo, ariko ibi biratandukanye rwose. Ndabona yuko ibi ari vyo nyene Bibiliya ivuga, kandi nibaza ko mufise ukuri.” Yaratanguye kwitaba amakoraniro adahorereza maze bidatevye arabatizwa.

8 Nufashe Abashasha Gutera Imbere: Niwandike amazina y’abashasha bitavye Icibutso, kandi ubagendere vuba inyuma yaho kugira ngo musubiremwo ibintu bishika ku mutima bize kandi babonye. Nubamenyeshe ivy’ayandi makoraniro, aho bashobora kwongerereza ubumenyi bwabo bwa Bibiliya. Bihweje ikigabane ca 17 c’igitabu Ubumenyi, “Nutekanirwe Uri mu Basavyi b’Imana,” kizobereka urutonde rwagutse rw’intunganyo z’ivy’impwemu rutangwa n’ishengero, izo bashobora kubona ata ngorane. Nutunganye ivy’uko boraba ya videwo Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi) kugira ngo bashobore kwibonera n’amaso yabo bwite ubumwe, umunezero, n’umwete vy’abasavyi ba Yehova!

9 Birahambaye ko abashimishijwe biga ukuntu bashobora kwerekana ubwabo ko batera iteka kandi bakubaha Yehova. Nusigure yuko isengesho rivuye ku mutima rihimbara Yehova kandi ko ari we soko ridahinduka ry’ukuruhurirwa mu vy’impwemu. (1 Yoh. 5:14) Ukoresheje icigwa c’8 gushika ku c’12 mu kaboroshire Ni Ibiki Imana Idusaba?, nudondore ubwoko bw’imigenzo itera iteka Yehova. Biciye mu kuganira ivyavuzwe muri ya boroshire Les Témoins de Jéhovah (Ivyabona vya Yehova) ku rupapuro rwa 30-31, nuremeshe abashasha kuzirikana ivyerekeye ukuntu boshobora gutera iteka Yehova mu kugira ubwabo uruhara mu gikorwa co kwamamaza.

10 Ugukenguruka inkuka ya Yezu hamwe n’agateka kacu ko gusukura bwa bigishwa biwe biratera iteka Data wa twese kandi bikazanira imihezagiro abandi. Yezu yasezeranye ati: “Ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.”—Yoh. 12:26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika