ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/00 rup. 7
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2002
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 12/00 rup. 7

Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001

1 Hariho imvo nyinshi zo mu Vyanditswe z’igituma twese dukwiye kugira uruhara mu buryo bwuzuye bushoboka mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.—Imig. 15:23; Mat. 28:19, 20; Ivyak. 15:32; 1 Tim. 4:12, 13; 2 Tim. 2:2; 1 Pet. 3:15.

2 Porogarama yo gusoma Bibiliya indwi ku ndwi imaze igihe kirekire ari umuce w’iryo shure. Igizwe no gusoma urupapuro rumwe rwa Bibiliya ku musi ku musi. Kuva mu ntango y’uwu mwaka, igisomwa ca Bibiliya na co nyene caragenywe mu ndwi yose igirwamwo isubiramwo ryandikwa. Urutonde rwo gusoma rurengejweko, urwongeweko mu myaka itatu iheze, rwararangiye. Mugabo nimba wipfuza gusoma Bibiliya gusumba ivyashizwe ku rutonde, urashobora kwitunganiriza porogarama yawe yo gusoma.

3 Ikigabu No. 2 kimenyereza abavukanyi “gusomera abantu” Ijambo ry’Imana. (1 Tim. 4:13) Mu gihe washinzwe gusoma, niwimenyereze n’ijwi rinini ugume uza urasubiramwo. Woshobora gukoresha amakasete yo kwumviriza ya Sosiyete yafatiwemwo Bibiliya, aho aboneka, kugira ngo uryohore uburyo bwo kuvuga, urugero rw’ijwi, be n’iyindi mice y’ugusoma kwiza.

4 Ikigabu No. 3 na No. 4 bishingiye ku bitabu Inkuru za Bibiliya, Umubano wo mu Rugo na Gusenga. Nimba amayagwa yashinzwe ari menshi gusumba ayo ushobora kurimbura mu gihe catanzwe, nurobanure gusa ibizoba kirumara mu cibare c’ishengero ryanyu. Urwifato urwo ari rwo rwose rubereye ku bw’icibare canyu rushobora gukoreshwa.

5 Nugire akigoro kose gategereka kugira ngo ushitse ibigabu vyawe vyose mw’ishure. Nufate umwanya wo gutegura neza, kandi uvuge ibivuye ku mutima wawe. Uzobera ishengero isoko y’indemesho, kandi uzokwungukira ubwawe ku kugira uruhara n’umutima wawe wose mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika