Akosho k’Urunganwe n’Agateka Kawe ko Kwamamaza
1 Akosho k’urunganwe ni akosho gafise ububasha—mu vy’ugukora iciza canke ikibi. Abasavyi ba Yehova bagenzi bacu baragira akosho keza kadusunikira gukora ibikorwa vyiza vya gikirisu. (Heb. 10:24) Ariko rero, abagize umuryango, abo dukorana, abo twigana, ababanyi, canke abandi tuzinanyi batari Ivyabona barashobora kudushirako umukazo ngo dukurikire ingendo ihushanye n’ingingo za gikirisu. Boshobora “[gu]tuka ingeso za[cu] nziza zo muri Kristo.” (1 Pet. 3:16) Dushobora gute kuzigama umwiyemezo wacu wo kubandanya kwamamaza naho twoshobora guhura n’akosho kabi k’urunganwe?
2 Abagize Umuryango: Rimwe na rimwe, umugabo akaba na serugo atari Icabona ca Yehova yoshobora kubuza umugore n’abana biwe kugira uruhara mu busuku burangurirwa ku mugaragaro. Ivyo ni ko vyagenze mubagize urugo rumwe rwo mu gihugu ca Megizike. Hari umugore w’umugabo umwe be n’abana indwi baje mu kuri. Ubwa mbere, uwo mugabo yarabirwanije kubera yuko atashaka ko umuryango wiwe wokwamamaza kandi ugatanga ibitabu bisigura Bibiliya uva ku nzu uja ku yindi. Yumva yuko ivyo bibatesha icubahiro. Ariko rero, umugore n’abana biwe, bahagaze bashikamye ku ngingo yabo yo gukorera Yehova no kugira uruhara badahorereza mu busuku. Mu nyuma, nya mugabo yaratanguye kubona agaciro ko kwemera indinganizo y’Imana ku vyerekeye igikorwa co kwamamaza, maze na we yiyegurira Yehova. Vyamutwaye imyaka 15 kugira ngo yemere ukuri, mugabo none yoba yokwigeze abikora, iyo umuryango wiwe udakomera ku muheto mu gateka batewe ko kwamamaza?—Luka 1:74; 1 Kor. 7:16.
3 Abo Mukorana: Ukuba utifatanya n’abo mukorana mu guhimbaza imisi y’amavuka be no mu kwubahiriza imisi mikuru vyoshobora gutuma bagusuzugura bakongera bagasuzugura n’ivyo wizera bishingiye kuri Bibiliya. Abavukanyikazi babiri baba mu gihugu ca Isilande bararonse uburyo bwo gufasha abo bakorana guhindura inyifato yabo ku vyerekeye Ivyabona. Umusi uri izina, nya bavukanyikazi barajanye umukate usosa be n’iyindi mikate bari bihinguriye kugira ngo baze gusangira n’abandi mu gihe c’akaruhuko ko gufata icayi. Abo bakorana barashatse kumenya ikintu kidasanzwe cari cabaye. Nya bavukanyikazi basiguye yuko kubera abo bakorana bari barubahirije cane abo bavukanyikazi be n’ivyo bemera, bashatse kubaha ikintu ciza bokoza icayi cabo. Ivyo vyarugururiye inzira ibiganiro bimwebimwe vyiza. Intahe nziza yarashinzwe kuri abo bakorana, ivyo bivamwo ukundi kubona ibintu kwiza ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova hamwe n’ubutumwa dutangaza. Mbega ivyo vyari gushika iyo abo bavukanyikazi batibwiriza gutuma barabwa ryiza kandi bagashinga intahe akaryo kizanye?
4 Abo Mwigana: Si ibitamenyerewe ko urwaruka rw’Ivyabona ruhura n’akosho k’urunganwe kw’ishure kandi rukagira ubwoba bw’uko urundi rwaruka ruzobagaya kubera bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Umukirisu umwe w’umuyabaga wo muri Leta Zunze Ubumwe yavuze ati: “Naragira ubwoba bwo gushinga intahe ku bandi bakiri bato kubera yuko natinya ko bontwenga.” Ni co gituma yazibukira uturyo two gushingira intahe urunganwe rwiwe kw’ishure no mu cibare. Ni gute ushobora gutsimbataza inkomezi kugira ngo uhangane n’akosho k’urunganwe ushize amanga? Niwizigire Yehova, urondera gushimwa na we. (Imig. 29:25) Niwishimire ubushobozi bwawe bwo gukoresha Ijambo ry’Imana mu busuku bwawe. (2 Tim. 2:15) Nya muyabaga duhejeje kuvuga yaratanguye gusenga Yehova, amusaba ko yomufasha gutsimbataza icipfuzo co kuyagisha abo bigana. Yaratanguye gushinga intahe akaryo kizanye kw’ishure, aragira ingaruka nziza, maze bidatevye yari asigaye avugisha umuntu wese yari azi. Yasozereye ati: “Abakiri bato barakeneye vyongeye barashaka icizigiro ca kazoza, kandi Yehova ariko aradukoresha kugira tubafashe.”
5 Ababanyi: Dushobora kuba dufise ababanyi canke abandi tuzinanyi batugaragariza uburake kubera abo turi bo be n’ivyo twemera. Nimba utinya ivyo biyumvira, niwibaze uti: ‘Boba bazi ukuri kujana mu buzima budahera? Noshobora gukora iki kugira ngo nshikire imitima yabo?’ Umucungezi w’umuzunguruko umwe yabonye yuko umuntu ashika ku ngaruka nziza mu gihe ashinga intahe buhorobuhoro. Niwinginge Yehova akuronse inkomezi n’ubukerebutsi ukeneye kugira ngo ubandanye kurondera ab’imitima nziraburyarya.—Flp. 4:13.
6 Ukworohera akosho kabi k’urunganwe vyoshobora guhimbara abaturwanya, ariko none tubigenjenje gutyo vyobazanira inyungu nziza kuruta—canke ni twe vyoyizanira? Yezu yararwanywa n’abantu bo mu kibano ciwe bwite. Yarihanganiye mbere n’amajambo aranga ubukazi ya bene nyina. Mugabo yari azi yuko yari gushobora kubafasha mu kuguma gusa ahuza n’ingendo Imana yari yamushiriyeho. Kubera ico, Yezu “yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje.” (Heb. 12:2, 3) Dutegerezwa gukora nk’ukwo. Niwiyemeze gukora vyinshi kuruta mu bijanye n’agateka kawe ko kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Niwabigenza gutyo, “uzokwikizanya n’abakwumva.”—1 Tim. 4:16.