Raba Ububasha bwa Bibiliya!
Mu buryo ki? Mu kwitegereza videwo y’umutwe uvuga ngo The Bible—Its Power in Your Life (Ububasha Bibiliya Ifise mu Buzima Bwawe). Ni imbumbe igira gatatu mu rukurikirane rw’amakaseti yo kuraba rwataziriwe ngo The Bible—A Book of Fact and Prophecy (Bibiliya Ni Igitabu c’Inkuru z’Ukuri n’Ubuhanuzi).
Woba wipfuza kugira umubano w’abubatse urama? Woba ukeneye imfanshanyo yotuma urokoka ibihe bigoye? Vyoshoboka gute ko abakiri bato baruka bakazoba abakuze bashobora kuzezwa amabanga? Bibiliya irashobora gufasha, nk’uko iyo videwo ivyerekana. Uzokwumva abantu bavuga ukuntu Bibiliya yabagizeko ububasha bwo gukora iciza mu buzima bwabo. Uzobumva basigura ukuntu ingingo zo muri yo zabafashije guhangana n’ingorane zo mu buzima bwa kino gihe.
Iyo videwo ni igikoresho c’agaciro co gufasha abaherutse gushimishwa kugira babone ivyiza biva ku gukoresha Ijambo ry’Imana bwa nyobozo mu buzima bwabo. Iyo videwo The Bible—Its Power in Your Life Sosiyete irayifise mu bubiko. Urashobora kuyisaba ubicishije ku wujejwe ibisohokayandikiro mw’ishengero.