ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/99 rup. 8
  • Uwutemera Imana Uzomubwira Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uwutemera Imana Uzomubwira Iki?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Mva ku kuba umuhakanamana nkaba umusavyi w’Imana
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Vyoba bishoboka ko umuntu yizera yuko hariho Umuremyi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyabonywe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Kubera iki ico kibazo kivyuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 12/99 rup. 8

Uwutemera Imana Uzomubwira Iki?

1 “Jewe sinemera Imana.” Ivyo ni umwigisha yavuye muri Polande yabibwiye Umumisiyonari yari muri Afirika. Ariko rero, uwo muvukanyikazi yarashoboye kuganira n’uwo mugore yongera aramuha igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? Igihe uno mumisiyonari asubiyeyo mu ndwi ikurikira, wa mwigisha yamubwiye ati: “Sinkiri uwutemera Imana!” Uwo mwigisha yari amaze gusoma ico gitabu Création cose hanyuma aca asaba kurongorerwa inyigisho ya Bibiliya. None woshobora gukora iki kugira ngo wererwe mu gushinga intahe ku bavuga yuko batemera Imana? Ubwa mbere, nurimbure imvo zitandukanye zituma abantu bavuga ko batemera Imana.

2 Ibintu Bituma Batemera: Abatemera Imana bose si abarezwe mwene uko. Benshi baragiye mw’idini kanaka, kandi hariho igihe bemera Imana. Ariko rero, ingorane zikomeye z’amagara canke zo mu muryango cabure akarenganyo bagiye baragirirwa rimwe na rimwe, vyaratumye ukwizera kwabo kugoyagoya. Ku bandi na bo, ivyigwa bigishijwe mu mashure makuru vyaragize ico vyonona ku kuntu babona Imana. Raba utu turorero dukurikira tw’abatemera Imana mu nyuma bahavuye batsimbataza ukwizera Yehova Imana gukomeye, hanyuma bacika Ivyabona vyiwe.

3 Umugore umwe w’i Paris yari yavukanye indwara yo mu magufa ituma aba nk’ikijuju. Naho yari yarabatijwe muri Gatolika, yivugiye ubwiwe ko atemera Imana. Igihe yabaza ababikira igituma Imana yaretse akavukana mwene ubwo bumuga, bishuye bati: “Ni kubera igukunda.” Yaranse kwemera ico ciyumviro kitumvikana. Nimwihweze kandi akarorero k’umuntu akiri muto wo muri Finilande yatowe indwara idakira yo mu mitsi, hanyuma asigara agendera ku gakinga k’ibimuga. Nyina wiwe yaciye amujana ku mu pentekoti yavuga ko akiza abantu barwaye. Ariko nta gukizwa yagiriwe kw’igitangaro. Ico vyavuyemwo, uwo musore ntiyabaye acitaho ivy’Imana, hanyuma aca acika uwutemera Imana.

4 Umugabo umwe wo muri Hondurasi yakuriye muri Gatolika, ariko yiga filozofiya y’Abasosiyaliste be n’ivy’ukutemera Imana. Kubera ivyigwa vyo muri kaminuza vyari vyaramujijuye yuko abantu babonetse biciye kw’ihindagurika, yaciye areka kwemera Imana. Muri ubwo buryo nyene, umugore umwe wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yakuriye mu ba Metodiste. Muri kaminuza yize ivyigwa vyerekeye inyifato. None vyagize ico bikoze ku kwizera kwiwe gute? Yavuze ati: “Mw’ici rimwe vyararanduye ukwizera kwose nari mfise mw’idini.”

5 Gushikira Imitima y’Abantu b’Inziraburyarya: Benshi mu bantu bavuga yuko batemera Imana boshobora gushima kumenya nimba hariho umuti w’ingorane z’amagara mabi, ukutumvikana kwo mu muryango, akarenganyo, n’ibindi. Barashimishwa vy’ukuri n’ukuronka inyishu kuri mwene ibi bibazo: ‘Kubera iki ikibi kiriho?’ ‘Ni kuki ibintu bibi bishikira abantu beza?’ hamwe na ‘Ubuzima buvuze iki?’

6 Hari umugabo n’umugore bubakanye baba mu Busuwisi bose hamwe bari barerewe mu batemera Imana. Igihe babwirwa ukuri ari bwo bwa mbere, ntibakwemeye. Ariko bari bafise ingorane zikomeye mu muryango kandi biyumvira ivyo kwahukana. Igihe Ivyabona bongera kubagendera bareretse uwo mugabo n’umugore muri Bibiliya ukuntu botsinda izo ngorane zabo. Uwo mugabo n’umugore baratangajwe n’iyo mpanuro ngirakimazi iri mu Vyanditswe, hanyuma baca baremera kurongorerwa inyigisho ya Bibiliya. Umubano wabo warakomejwe, baratera imbere mu vy’impwemu, hanyuma barabatizwa.

7 Ico Woshobora Kubwira Uwutemera Imana: Igihe umuntu akubwiye yuko atemera Imana, niwihatire kumenya imvo ituma avuga gutyo. Vyoba ari kubera inyigisho yahawe mu mashure, ingorane yaciyemwo, canke uburyarya buri mu madini hamwe n’inyigisho z’ikinyoma yabonye? Woshobora kumubaza uti: “Woba wamye uvyumva muri ubwo buryo?” canke “Ni imvo iyihe yatumye ushika kuri ico ciyumviro?” Inyishu yiwe izogufasha kumenya ico wovuga. Aho bisaba ivyemezo bikomeye, igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? coshobora kuba ari co gusa gikenewe.

8 Woshobora kubandanya ikiyago n’uwutemera Imana mu kubaza uti:

◼ “Woba urigera wibaza uti: ‘Nimba hariho Imana, ni kuki hariho umubabaro be n’akarenganyo vyinshi gutya kw’isi?’ [Numureke yishure.] Noshobora kukwereka ico Bibiliya ivuga kuri ico kintu?” Soma Yeremiya 10:23. Uhejeje kugisoma, mubaze ico yibaza kuri ico canditswe. Maze mwereke agatabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre? urupapuro rw’16 n’urw’17. Canke, mu gishingo cako, woshobora gukoresha ikigabane c’10 mu gitabu Création. Numusabe kwakira ico gisohokayandikiro no gusoma nya mayagwa.—Nimba ushaka kumenya ibindi wovuga, raba igitabu Kutoa Sababu, urupapuro rw’219-220.

9 Ego ni ko, abatemera Imana bose ntibazokwakira ukuri. Ariko hariho abatari bake bemera kwihweza ikindi ciyumviro. Nukoreshe ubwenge, ukujijura, kandi hejuru ya vyose, ububasha bw’Ijambo ry’Imana buzobafasha kubona ukuri.—Ivyak. 28:23, 24; Heb. 4:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika