ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/99 rup. 1
  • Woba Ubona Gusa Ibiboneka Inyuma?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ubona Gusa Ibiboneka Inyuma?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Abantu b’uburyo bwose bazokizwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Niwirinde guca urubanza ufatiye ku biboneka inyuma
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Iraba mu mutima’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Twigane ubutungane bwa Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 6/99 rup. 1

Woba Ubona Gusa Ibiboneka Inyuma?

1 Mu gihe tuba turi mu gikenurwa cacu turangurira ku mugaragaro, ukuntu dushoka tubona abantu bamwebamwe vyoshobora gutuma dutinyatinya kubashikiriza inkuru nziza. Nk’akarorero, uvyifatamwo ute igihe hari umugabo aboneka nk’uwukaze nantaryo akuraba urutsure nk’aho akwikeka, igihe ugendeye umubanyi wiwe yerekanye ko ashimishwa n’ukuri? Umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi yashikiwe n’ivyo yafashe ingingo yo kwegera uwo mugabo ngo amuyagishe. Nya mugabo yamuramukije nabinabi. Ariko igitangaje ni uko yateze amatwi ubutumwa bwa Bibiliya, kandi yemerana akamwemwe kwiga. Kubera yuko uwo muvukanyikazi ataravye ibiboneka inyuma ngo bice bituma acira uwo mugabo urubanza, inzira yarugurutse y’uko we n’umukenyezi wiwe bamenya ukuri.

2 Uwundi muvukanyikazi yabanje kuza araterwa ubwoba n’umugabo umwe akiri muto w’ibishatsi birebire, mugabo ntiyatezura kumushingira intahe muri make igihe cose yaba aje kw’iduka aho uwo muvukanyikazi yakorera. Utwigoro twiwe twaragize ico dutanga, kandi uwo mugabo ubu ni Icabona yabatijwe. Ni igiki kizotuma tutihutira kwiyumvira yuko abantu nk’abo batazovyakira neza?

3 Twigane Akarorero ka Yezu: Yezu yari azi ko azotanga ubuzima bwiwe ku bw’umuntu wese. Ni co gituma ataciwe intege n’ukuntu abandi baboneka inyuma. Yari azi yuko n’abantu nyene bazwi ko bigenza nabi bashobora kwemera guhinduka, baramutse bahawe imfashanyo kandi bakabiremeshwamwo mu buryo bubereye. (Mat. 9:9-13) Yagerageje gufasha abatunzi n’abakene nyene. (Mat. 11:5; Mrk. 10:17-22) Ntitugacire urubanza abantu duhura mu gikenurwa dufatiye ku kuntu baboneka inyuma, ngo twibagire kubona icoshobora kuba imero nziza y’umutima. (Mat. 7:1; Yoh. 7:24) Ni igiki gishobora kudufasha kwigana akarorero ntangere ka Yezu?

4 Biciye ku nyigisho tugira ya Bibiliya, twahavuye dutahura yuko Ijambo ry’Imana rifise ububasha bwo gihindura ivyiyumviro vy’umuntu, uko yigenza, hamwe na kamere yiwe. (Ef. 4:22-24; Heb. 4:12) Ni co gituma dukwiye gukorana ukwizigira, ibindi na vyo tukabirekera mu maboko ya Yehova, We asoma imitima y’abantu.—1 Sam. 16:7; Ivyak. 10:34, 35.

5 Ese ukuba dushira inkuru nziza abantu b’uburyo bwose, ata kurobanura kandi tutaravye uko baboneka inyuma, vyoterera agacumu k’ubumwe kuri ca gikorwa gihambaye c’iyimbura kirangurwa muri iyi misi y’iherezo.—1 Tim. 2:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika