ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp18 no. 3 rup. 3
  • “Imana yari he?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Imana yari he?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima buhimbaye mu murimo wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ugutungana kwawe gutuma umutima wa Yehova unezerwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Hoba hari umuntu n’umwe vy’ukuri akwitaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
wp18 no. 3 rup. 3
Abantu babuze ababo bafise amabuji

“Imana yari he?”

“NGUMA NIBAZA NTI: IMANA YARI HE?”— Vyavuzwe na Papa Benedigito wa 16, igihe yagendera ahahoze ibohero ry’Abanazi ry’i Auschwitz muri Polonye.

IGIHE IVYAGO VYADUTSE, VYOBA BISHIKA UKIBAZA UTI ‘IMANA YARI HE?’ CANKE MU BUZIMA BWAWE BWITE, WOBA URASHIKIRWA N’IKINTU C’AGACAVUTU UGACA WIBAZA NIMBA IMANA IKWITWARARIKA?

Ushobora kuba ubona ibintu nka Sheila wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yarerewe mu muryango ukunda cane ivy’idini. Avuga ati: “Kuva mu bwana, naratangarira cane Imana kuko ari yo Muremyi wacu. Yamara rero, sinigeze ndayiyegereza. Nibaza ko inyitegereza, mugabo iri nka hariya. Sinabona ko Imana inyanka, ariko kandi sinemera ko inyitwararika.” None ni kubera iki Sheila yakekeranya? Asigura ati: “Umuryango wacu warashikiwe n’ivyago bikurakuranwa, ngaca mbona umengo Imana nta co iriko iradufasha namba.”

Cokimwe na Sheila, woshobora kuba wemera ko Imana ibaho mugabo ukaba wibaza nimba vy’ukuri ikwitwararika. Wa mugabo w’umugororotsi Yobu na we nyene yarigeze kugira inkeka nk’izo, naho yemera ko Umurimyi afise ububasha n’ubukerebutsi. (Yobu 2:3; 9:4) Yobu amaze gushikirwa n’ivyago bikurakuranwa akabona umengo nta gitabara, yabajije Imana ati: “Kuki uhisha mu maso hawe ukamfata nk’umwansi wawe?”​—Yobu 13:24.

None Bibiliya ibivugako iki? Igihe hadutse ivyago, twoba dukwiye guta amakosa ku Mana? Hoba hariho ibitwemeza ko Imana yitwararika abantu muri rusangi, ikongera ikitwararika umwe wese ku giti ciwe? Umwe wese muri twebwe yomenya gute nimba vy’ukuri Imana imubona, imutahura, ibabarana na we canke imufasha mu ngorane zimushikira?

Mu biganiro bikurikira, turaza kubona ko ukuntu twaremwe vyerekana ko Imana itwitwararika. (Abaroma 1:20) Turaheza twihweze ico Bibiliya ihishura ku bijanye n’ukuntu Imana itwitaho. Uko urushiriza ‘kuyimenya’ biciye ku vyo yaremye no kw’Ijambo ryayo, ni ko uzorushiriza guhera amazinda ko ‘ikubabara.’​—1 Yohani 2:3; 1 Petero 5:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika