Intangamarara
IMANA YOBA IKWITWARARIKA?
Igihe hateye ivyago canke abantu bashikiwe n’imibabaro maze bagapfa, twoshobora kwibaza nimba Imana ibibona canke ivyitwararika. Bibiliya ivuga iti:
“Kuko amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi.”—1 Petero 3:12.
Uwu Munara w’Inderetsi urerekana ingene Imana idufasha be n’ukuntu izokuraho imibabaro yose.