ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/7 rup. 32
  • “Raba iyi shusho!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Raba iyi shusho!”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Turemeshanye ku makoraniro y’ishengero
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Nugire ivyo wigiye ku mafoto
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Uburyo bwiza bwo gutegura amakoraniro ni ubuhe?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/7 rup. 32

“Raba iyi shusho!”

Ni kangahe umaze kwibwira ayo majambo canke kuyabwira abandi igihe uzinguruye inomero nshasha y’iki kinyamakuru? Amashusho n’amafoto aryoheye ijisho ategurwa mu buryo bwitondewe, ashirwa muri ico kinyamakuru ku bw’intumbero kanaka. Ni ibintu bifasha kwigisha bituma twiyumvira tukongera tukagira inyiyumvo. Arashobora canecane kudufasha igihe dutegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi tukongera tukayigiramwo uruhara.

Nk’akarorero, nuzirikane ku catumye ishusho ya mbere yo muri buri kiganiro co kwiga itorwa ku bw’ico kiganiro. Yerekana iki? Ifitaniye isano gute n’umutwe w’ico kiganiro canke icanditswe c’ishimikiro? Ku bijanye n’ayandi mashusho, nuzirikane ku kuntu imwimwe yose ifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru kiriko kirihwezwa be n’ukuntu yerekeye ubuzima bwawe.

Uwuyobora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi akwiye guha ishengero akaryo ko kugira ico bavuze kw’ishusho imwimwe yose, ko kuvuga ukuntu ijanye n’icigwa canke ukuntu igira ico ibakozeko umwe wese ku giti ciwe. Mu bihe bimwebimwe, haratangwa akajambo kw’ishusho kayihuza n’ingingo kanaka. Ku yandi mashusho, uwuyobora yoshobora guhitamwo ingingo vyoba vyiza bafatiyeko kugira ngo bagire ico bavuze kw’ishusho yinaka. Muri ubwo buryo, bose bazokwungukira bimwe bishitse ku vyakozwe kugira ngo umusomyi afashwe kubona ivyigwa biri mw’Ijambo ry’Imana.

Umuvukanyi umwe yabivuze muri ubu buryo ati: “Umaze gusoma ikiganiro canditswe mu buryo bwiza igitangaza, amashusho aca amera nk’ubuki ku mukate.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika