ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/1 rup. 3-33
  • Baritanze babikunze—Muri Norveje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baritanze babikunze—Muri Norveje
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IKIBAZO BATARI BITEZE
  • BARI GUHITAMWO IKI?
  • BATERA INTAMBWE ZIBASHIKANA KU MUGAMBI WABO
  • INGENE ABANDI BAGUYE UMURIMO WABO
  • “NIMUHONJE, MUBONE KO YEHOVA ARYOSHE”
  • Isekeza ritunganijwe neza rivamwo ivyiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Wosenga gute kugira ngo Imana ikwumve?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Baritanze babikunze​—⁠Muri Madagaskari
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Baritanze babikunze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/1 rup. 3-33

Baritanze babikunze—Muri Norveje

Roald na Fabian

MU MYAKA mikeyi iheze, abubakanye Roald na Elsebeth, ico gihe bakaba bari mu gushikana imyaka 50, bari babayeho neza i Bergen, igisagara ca Norveje kigira kabiri mu bunini. Baragira uruhara badahorereza mu bikorwa vyo mw’ishengero bari kumwe n’umuhungu wabo be n’umukobwa wabo Isabel na Fabian. Roald yari umukurambere, Elsebeth akaba umutsimvyi, Isabel na Fabian na bo bakaba bari abamamaji bakora neza.

Ariko rero, muri Nyakanga 2009, uwo muryango warafashe ingingo yo gukora ikindi kintu, ni ukuvuga kumara indwi wamamaza mu karere kari iyo catawe. Ku bw’ivyo, Roald na Elsebeth bari kumwe na Fabian, uwari afise imyaka 18 ico gihe, barafashe urugendo baja i Nordkyn, kano kakaba ari agace k’isi kinjira mu mazi kari mu ntara ya Finnmark, hejuru ya wa murongo w’ikigereranyo ukikuje Isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi (cercle polaire arctique). Ngaho, mu kigwati ca Kjøllefjord, baramamaje bari kumwe n’abandi bavukanyi na bashiki bacu na bo nyene bari baraje muri ako karere kari iyo catawe kugira ngo bagire uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Roald avuga ivyo yibuka ati: “Mu ntango y’iyo ndwi, narumva mpimbawe n’uko nari natunganije ivyanje ku buryo nshobora kumara indwi yose ngira uruhara muri ico gikorwa kidasanzwe.” Ariko rero, mu mpera z’iyo ndwi nyene, Roald yaratunguye guhagarika umutima. Vyagenze gute none?

IKIBAZO BATARI BITEZE

Roald yigana ati: “Tutari tuvyiteze, umutsimvyi yakorera i Finnmark yitwa Mario yaratubajije nimba twokwemera kwimukira mu gisagara citwa Lakselv kugira ngo dufashe ishengero ryaho ryarimwo abamamaji 23.” Roald yaratangajwe cane n’ico kibazo batari biteze. Asigura ati: “Twe na Elsebeth twari twarazirikanye ivy’uko twoshobora gukorera aho vyari bikenewe kuruta ahandi, mugabo ivyo twobigize mu nyuma abana bamaze kuva i muhira.” Ariko rero, no muri iyo misi mikeyi Roald yari amaze ariko aramamaza muri ako karere kari iyo catawe, yarabona ko abantu bipfuza kumenya ivyerekeye Yehova. Bari bakeneye gufashwa ico gihe, atari mu nyuma. Avuga ati: “Ico kibazo caradurumbanije ijwi ryanje ryo mu mutima, mbere kiratuma mara amajoro atari make ntatora agatiro.” Mario yaciye atwara mu muduga Roald n’umuryango wiwe i Lakselv, nko ku bilometero 240 mu bumanuko bwa Kjøllefjord. Mario yashaka ko abo bashitsi bibonera iryo shengero ritoyi ryaho.

I Lakselv, umwe mu bakurambere babiri bo muri iryo shengero yitwa Andreas yareretse abo bashitsi ako karere n’Ingoro y’Ubwami. Ishengero ryabakiranye igishika maze ribwira Roald na Elsebeth ko ryoryoherwa umuryango wabo wimukiyeyo kugira ngo ufashe mu gikorwa c’Ubwami. Andreas yavuze amwenyura yuko yari yaramaze gutunganya ivy’uko Roald na Fabian babazwa ibibazo bijanye n’akazi. None abo bashitsi bari gukora iki?

BARI GUHITAMWO IKI?

Fabian yaciye avuga ati: “Nta cipfuzo mfise co kwimukira ng’aha.” Iciyumviro co gusiga abagenzi biwe somambike bari barakuranye mw’ishengero yarimwo no kuba mu gasagara gatoya, nticamushimishije. Vyongeye, ntiyari bwaheze ivyigwa vyotumye aba umuhinga mu vy’umuyagankuba. Ariko rero, igihe Isabel (uwari afise imyaka 21 ico gihe) yabazwa ico yiyumvira ku bijanye no kwimuka, yavuze ati: “Ivyo nyene ni vyo namye nipfuza kugira!” Mugabo Isabel yaciye avuga ati: “Igihe narushiriza kuvyiyumvira, nibajije nti: ‘Ico ciyumviro coba vy’ukuri ari ciza? Noba nzokumbura abagenzi banje? Noba nkwiye kwigumira mw’ishengero ndimwo aho ibintu vyifashe neza?’” Elsebeth yakiriye gute ico kintu bari basabwe? Avuga ati: “Nabona ko Yehova yari ashinze umuryango wacu igikorwa, mugabo kandi nariyumviriye ivyerekeye inzu yacu twari duherutse gusanura be n’ibintu vyose vyari muri yo twari twararonse mu myaka 25 yari iheze.”

Elsebeth na Isabel

Igihe iyo ndwi idasanzwe yarangira, Roald n’umuryango wiwe barasubiye i Bergen, mugabo baguma biyumvira abavukanyi n’abavukanyikazi babo b’i Lakselv, ku bilometero nka 2.100. Elsebeth avuga ati: “Naratuye Yehova amasengesho menshi, kandi nagumye mpanahana amakuru n’abagenzi twari twaramenyanye, mu kurungikiranira amafoto n’ivyabonywe.” Roald avuga ati: “Nari nkeneye umwanya kugira ngo iciyumviro co kwimuka kinyinjiremwo. Vyongeye, nabwirizwa kurimbura nimba vyari gushoboka koko. Twari kubaho gute? Narasenze Yehova cane nongera ndayaga n’umuryango wanje hamwe n’abavukanyi bazi utuntu n’utundi.” Fabian avuga ivyo yibuka ati: “Uko narushiriza kuvyiyumvira, ni ko narushiriza gutahura ko ata mvo yumvikana nari mfise yo kwanka. Narasenze kenshi Yehova, maze icipfuzo co kwimuka kigenda kirakomera.” Isabel we bite? Kugira ngo yitegurire kwimuka, yaratanguye gukorera ubutsimvyi mu gisagara ciwe c’amavukiro. Amaze amezi atandatu akora ubutsimvyi, aho yamara kandi umwanya mwinshi yiyigisha Bibiliya, yariyumvisemwo ko yiteguriye ukwo kwimuka gukomeye.

BATERA INTAMBWE ZIBASHIKANA KU MUGAMBI WABO

Igihe icipfuzo uwo muryango wari ufise co gukorera ahakenewe abamamaji kuruta ahandi congerekana, warateye zibashikana ku mugambi wawo. Roald yari afise akazi k’umushahara munini yakunda vy’ukuri, mugabo yarasavye kumara umwaka wose adakora. Ariko rero, umukoresha wiwe yamusavye ko yoza arakora igihe gitogito, akaza arakora indwi zibiri hanyuma akamara indwi zitandatu adakora. Roald avuga ati: “Umushahara wanje waragabanutse rwose, mugabo vyaragenze neza.”

Elsebeth yigana ati: “Umunega wanje yaransavye kugerageza kurondera inzu i Lakselv maze tugapangisha inzu yacu y’i Bergen. Vyadusavye igihe kinini n’akigoro gakomeye, mugabo vyaragenze neza. Haciye igihe gito, abana bararonse akazi k’igihe gitogito.” Yongerako ati: “Kandi ubu barunganira mu bijanye n’amahera y’ibifungurwa no kwiyunguruza.”

Isabel avuga ati: “Kubera ko igisagara twimukiyemwo ari gitoyi, ingorane ikomeye kuruta izindi nagize kwari ukuronka akazi kugira ngo nironse ivyo nkeneye ndi umutsimvyi. Vyarashika nkabona ko ata ko nzoronka.” Naho vyari ukwo, mu kuza arakora akazi kabayabaye ako ari ko kose k’igihe gitogito yaba aronse, mu mwaka wa mbere akaba yaronse ubuzi icenda, Isabel yarashoboye kwironsa ivyo akeneye. None Fabian vyamugendeye gute? Avuga ati: “Kugira ngo ndangize ivyigwa nariko ndiga ndondera kuba umuhinga mu vy’umuyagankuba, nari ngikeneye gukora menyerezwa. Ivyo nabigiriye i Lakselv. Mu nyuma, narakoze ikibazo maze ndaronka akazi k’igihe gitogito ndi umuhinga mu vy’umuyagankuba.”

INGENE ABANDI BAGUYE UMURIMO WABO

Marelius na Kesia bariko barabwira inkuru nziza umugore w’Umusamikazi muri Norveje

Marelius n’umukenyezi wiwe Kesia, na bo nyene baripfuje gukorera aho abamamaji bari bakenewe kuruta ahandi. Marelius, ubu akaba afise imyaka 29, avuga ati: “Insiguro n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo vyashikirijwe kw’ihwaniro ku bijanye no gukora ubutsimvyi, vyatumye nzirikana ivyo kwagura umurimo wanje.” Ariko rero, kwimukira kure y’umuryango vyarabaye urugamba kuri Kesia, ubu akaba afise imyaka 26. Avuga ati: “Iciyumviro co kuba kure y’abantu nikundira carantera ubwoba cane.” Vyongeye, Marelius yakora akazi k’igihe cose kugira ngo arihe ingurane bari barafashe ku bw’inzu yabo. Avuga ati: “Tubifashijwemwo na Yehova be n’amasengesho menshi twamutura tumusaba ngo adufashe kugira ivyo duhinduye, twarashoboye kwimuka.” Babanje kuza baramara umwanya wiyongereye biga Bibiliya. Mu nyuma, uwo mugabo n’umugore baragurishije inzu yabo, baraheba ubuzi bwabo maze muri Myandagaro 2011 bimukira mu gisagara ca Alta, mu buraruko bwa Norveje. Ngaho, kugira ngo bironse ivyo bakeneye ari abatsimvyi, Marelius akora ari umunyabigega, Kesia na we agakora mu mangazini.

Knut na Lisbeth, bakaba ari abubakanye ubu bageze mu myaka nka 35, barakozwe ku mutima n’inkuru zo mu Gitabu c’umwaka zivuga ibijanye n’abantu bakorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi. Lisbeth avuga ati: “Ivyo vyabonywe vyatumye tuzirikana ibijanye no gukorera mu kindi gihugu, mugabo naragonanwa kubera yuko nabona ko ico ari ikintu umuntu asanzwe nkanje atoshobora.” Naho vyari ukwo, barateye intambwe zibashikana ku mugambi wabo. Knut avuga ati: “Twaragurishije inyubakwa yacu, maze kugira ngo tuziganye amahera, tuja kubana na mawe. Mu nyuma, kugira ngo turabe ukuntu gukorera mu mahanga bimeze, twarimukiye mw’ishengero rikoresha ururimi rw’icongereza ry’i Bergen kugira ngo turimaremwo umwaka umwe, tukaba twabana na nyina wa Lisbeth.” Budakeye na kabiri, Knut na Lisbeth bariyumvisemwo ko biteguriye kwimuka, ukwo kukaba kwari ukwimuka gukomeye, ni ukuvuga kwimukira mu Buganda. Amezi abiri mu mwaka barasubira muri Norveje gukora. Muri ubwo buryo, bararonka amahera ahagije abafasha kubaho no kwamamaza igihe cose mu Buganda mu mezi aba asigaye.

“NIMUHONJE, MUBONE KO YEHOVA ARYOSHE”

“Umuryango wacu wararushirije gushikirana.”​—Roald

None vyagendeye gute abo bakozi b’umutima ukunze? Roald avuga ati: “Uko tugize umuryango turarushiriza kumara umwanya turi kumwe muri ako karere kari iyo catawe, kuruta uko twabigira i Bergen. Umuryango wacu wararushirije gushikirana. Kwibonera ukuntu abana bacu batera imbere mu vy’impwemu vyaratubereye umuhezagiro.” Yongerako ati: “N’ikindi kandi, ibintu vy’umubiri dusigaye tubibona mu buryo buri ku rugero. Ntibigihambaye cane nk’uko twavyiyumvira.”

Elsebeth yarabonye ko akeneye kwiga urundi rurimi. Kubera iki? Mu cibare c’ishengero rya Lakselv harimwo n’ikigwati ca Karasjok, ikibamwo canecane Abasami, bano bakaba ari imvukira zo mu turere two mu buraruko bwa Norveje, Suwede, Finlande n’Uburusiya. Kugira ngo Elsebeth birushirize kumworohera gushikira izo mvukira, yarize ururimi rw’igisami. Ubu arashobora kuyaga n’abandi mu buryo busanzwe muri urwo rurimi. Yoba ahimbarwa n’ico cibare gishasha? Avuga akamwemwe kamusya ati: “Nyobora inyigisho za Bibiliya zitandatu. Emwe nta handi nokwipfuza kuba atari ngaha!”

Fabian, ubu akaba ari umutsimvyi n’umukozi w’ishengero, avuga ko we na Isabel bafashije abana b’imiyabaga batatu bo mw’ishengero bimukiyemwo bari bakeneye kuremeshwa kugira ngo barushirize kugira uruhara mu bikorwa vy’ishengero. Abo bakiri bato uko ari batatu ubu ni abanyamwete mu busuku. Nkako, babiri muri bo barabatijwe bakaba kandi barakoze ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante 2012. Umwe muri abo bana b’imiyabaga yari yaratanguye guhororokerwa, yarakengurukiye Fabian na Isabel kuba baramufashije “gusubira gukomera.” Fabian avuga ati: “Narakozwe ku mutima vy’ukuri igihe yavuga ico kintu. Ese ukuntu bitera umunezero gufasha umuntu!” Isabel avuga ati: “Muri iki gikorwa, ‘narahonjeje [vy’ukuri] ndabona ko Yehova aryoshe.’” (Zab. 34:8) Yongerako ati: “N’ikiruta vyose, gukorera ngaha biraryoshe vy’ukuri.”

Marelius na Kesia ubu bafise ubuzima burushirije kuba ububayabaye mugabo buhimbaye kuruta. Ishengero ry’i Alta bimukiyemwo, ubu ririmwo abamamaji 41. Marelius avuga ati: “Dutereje amaso inyuma, turaremeshwa cane no kwibonera ukuntu ubuzima bwacu bwahindutse rwose. Turashimira Yehova kuba dushobora kumukorera turi abatsimvyi ngaha. Nta kintu na kimwe kimara akanyota kuruta ico.” Kesia yongerako ati: “Narize kurushiriza kwizigira Yehova, kandi yaratubungabunze. Narabonye kandi ko kuba kure y’incuti zanje bituma mbere ndushiriza guha agaciro ibihe tumarana. Sinigeze nicuza ku bijanye n’ingingo twafashe.”

Knut na Lisbeth bariko barigisha umuryango umwe wo mu Buganda

None Knut na Lisbeth bamerewe gute mu Buganda? Knut yigana ati: “Vyadusavye igihe kugira ngo tumenyere aho hantu hashasha be n’imico kama yaho. Ingorane zijanye n’amazi, umuyagankuba be n’ingorane zo mu nda, zose ziraza zikongera zikagenda, mugabo turarongora inyigisho za Bibiliya twipfuza!” Lisbeth avuga ati: “Ahantu hagendwa inusu y’isaha gusa uvuye aho tuba, hari ivyibare bitarigera bishikamwo inkuru nziza. Yamara iyo tugiyeyo, dusanga abantu bariko barasoma Bibiliya, bakadusaba ngo tubigishe. Kwigisha ubutumwa bwo muri Bibiliya abantu bicisha bugufi nk’abo bituma tugira umunezero ntangere!”

Ese ukuntu Indongozi yacu Kristu Yezu ategerezwa kuba ahimbarwa no kwibonera ari mw’ijuru ingene igikorwa co kwamamaza yatanguje kiriko kirarangurwa mu turere turushiriza kwongerekana two kw’isi! Egome, abasavyi b’Imana bose barahimbarwa cane no kwitanga babikunze kugira ngo bashitse itegeko Yezu yatanze ryo “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa.”—Mat. 28:19, 20.

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birashobora kugufasha kwitegurira gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi:

  • Nusenge Yehova umusaba kugira ico cipfuzo n’“ubukerebutsi ngirakamaro.”—Imig. 3:21; Flp. 2:13; Yak. 1:5.

  • Nusabe impanuro abo musangiye ukwemera b’inkerebutsi. “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”—Imig. 12:15; 13:20.

  • Niwishingire imigambi itomoye. “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”—Imig. 21:5.

  • Tera uje imbere, ushire mu ngiro imigambi yawe. ‘Nukore iciza.’—Zab. 37:3.

Uteye izo ntambwe, urashobora kwizigira udakeka ko Yehova azohezagira utwigoro ugira.—Imig. 16:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika