ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/7 rup. 6-8
  • Kubera iki Umwe yumva amasengesho areka hakabaho imibabaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki Umwe yumva amasengesho areka hakabaho imibabaro?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki yarindiriye igihe kirekire cane?
  • Imana izotorera umuti gute ivyononekaye?
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ugucumukura kwose kugiye kurangira
    Ugucumukura kwose kugiye kurangira
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/7 rup. 6-8

Kubera iki Umwe yumva amasengesho areka hakabaho imibabaro?

ABANTU bamwebamwe naho boba basenga usanga bakekeranya yuko Imana ibaho. Kubera iki bakekeranya? Bishobora kuba biva ku mibabaro myinshi babona muri iyi si. Woba uribaza igituma Imana ireka hakabaho imibabaro?

Imana yoba vy’ukuri yaremye abantu nk’uko bameze ubu, ni ukuvuga ari abantu badatunganye kandi bashikirwa n’imibabaro? Nawe urumva ko tutokwubaha imana yoba yaremye abantu ngo bashikirwe n’imibabaro. Ariko zirikana iki kintu: Hamwe woba uriko urazunguruka imodoka nshasha uyitegereza uyitamarira ugaca usanga ku rundi ruhande yarononekaye, woca uvuga ko ari ko uwayihinguye yayikoze? Oya nawe nu! Woca ubona ko uwayihinguye yayikoze “itagira akanenge” ariko ko hari uwundi muntu canke ikindi kintu vyawononye.

Muri ubwo buryo nyene, igihe turiko turatamarira urutonde rwiza igitangaza ruri mu kirere no mu bidukikije be n’ukuntu bihinguwe mu buryo bw’agatangaza, maze tukaraba akajagari n’ukwononekara bisinzikaje umuryango w’abantu, dukwiye guca dushika ku ciyumviro ikihe? Bibiliya yigisha yuko Imana yaremye wa mugabo n’umugore ba mbere batagira akanenge ariko ko mu nyuma bikwegeye ukwononekara. (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5) Inkuru nziza ni uko Imana yasezeranye gusubiza mu buryo ivyononekaye, igatuma abantu bagamburuka basubira kuba abatagira akanenge. Ariko none, kubera iki yarindiriye igihe kirekire cane?

Kubera iki yarindiriye igihe kirekire cane?

Imvo yabitumye irafitaniye isano n’ikibazo cerekeye uwukwiye gutegeka abantu uwo ari we. Yehova ntiyigeze ategekanya ko abantu bitegeka. Ni we yobabereye Umutware. Bibiliya ubwayo ivuga iti: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Ikibabaje ni uko ba bantu ba mbere bahisemwo kugarariza ubutegetsi bw’Imana. Ubugarariji bwabo bwatumye baba abacumuzi. (1 Yohani 3:4) Ivyo vyatumye bacika abafise akanenge, baba bikwegeye ukwononekara, bagukwegera n’uruvyaro rwabo.

Yehova yararetse abantu baramara imyaka ibihumbi bitegeka, yamara kahise karerekanye ko badashoboye kwitegeka. Karerekana ko intwaro zose z’abantu ziteza abantu imibabaro. Nta n’imwe yigeze ikuraho intambara, ubugizi bwa nabi, akarenganyo canke indwara.

Imana izotorera umuti gute ivyononekaye?

Bibiliya isezerana yuko Imana igiye gutuma haba isi nshasha igororotse. (2 Petero 3:13) Abahitamwo gukoresha ubushobozi bwabo bwo kwihitiramwo mu gukundana no mu gukunda Imana ni bo gusa bazokwemererwa kuyibamwo.​—Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19, 20.

Bibiliya ivuga kandi ko mu gihe ca wa “musi w’urubanza” uriko wegereza wihuta, Imana izokuraho imibabaro n’abayiteza. (2 Petero 3:7) Inyuma y’aho, Yezu Kristu, Umutegetsi yagenywe n’Imana, azoganza abantu bagamburuka. (Daniyeli 7:13, 14) None ubutegetsi bwiwe buzoshika ku biki? Bibiliya ivuga iti: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11.

Uwo Mwami ari we Yezu, azotegeka ari mw’ijuru kandi azokuraho indwara, ubusaza n’urupfu, atorere umuti n’ibindi bintu vyononekaye kubera abantu bagararije Yehova we “sôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Yezu azokiza abantu bose bemera ubutegetsi bwiwe buranga urukundo. Mu gihe c’ubutegetsi bwiwe, iyi mihango yo muri Bibiliya izoranguka:

◼ “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ Abantu baba mu gihugu bazoba bahariwe ikosa ryabo.”​—Yesaya 33:24.

◼ “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Wumva none bidahumuriza kumenya ko vuba Imana igiye gushitsa umuhango yatanze wo gukuraho imibabaro yose? Mu kurindira ico gihe, ntidukwiye kwiyumvira ko itumva amasengesho yacu ngo ni uko ireka hakabaho imibabaro.

Imana iriho. Irashobora kukwumva, ikumva n’ivyo uyibwira ufise intuntu n’umubabaro. Kandi irashashaye kubona uzoba uhari igihe amakenga yawe yose n’imibabaro yawe yose bizoba vyarangiye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika