ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/12 rup. 30-31
  • Biswe “Abana b’Umuturagaro”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Biswe “Abana b’Umuturagaro”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Woba wama ushaka kuba uw’imbere?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo twigira kuri mutoyi wa Yezu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Baranditse ibijanye na Yezu
    Niwigishe abana bawe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/12 rup. 30-31

Niwigishe abana bawe

Biswe “Abana b’Umuturagaro”

IGIHE hari imvura y’igihuhusi, urashobora kwumva umuturagaro wasana. Vyoba bimaze gushika ukagutera ubwoba?⁠​​—⁠a Wari uzi ko Yezu yita babiri mu bayoboke biwe “Abana b’Umuturagaro?” Reka turabe igituma abita ukwo.

Abo bayoboke babiri ba Yezu ni Yakobo na Yohani. Baravukana. Ni abahungu ba Zebedayo, abo yavyaranye n’umugore wiwe Salome. Salome ashobora kuba ari mwene wabo na Mariya nyina wa Yezu. Rero Yakobo na Yohani bashobora kuba ari bene nyinabo na Yezu, kandi birashoboka ko bakuze ari abagenzi.

Zebedayo ni umurovyi. Yakobo na Yohani na bo nyene ni abarovyi. Abo ni bamwe mu bantu ba mbere Yezu atora ngo babe abayoboke biwe. Arabahamagara ngo bamukurikire, bagaca ubwo nyene bareka akazi kabo ko kuroba bakamukurikira. Mu nyuma, Yezu aracagura 12 mu bayoboke biwe ngo babe intumwa ziwe. Yakobo na Yohani ni babiri muri abo.

Ubu, hasigaye amezi makeyi ngo Yezu yicwe. We n’intumwa ziwe bariko baca mu karere k’imisozi ka Samariya. Buragorovye kandi bose bararushe cane. Ariko Abasamariya baca bavuga ko badashaka ko Yezu n’intumwa ziwe barara mu gisagara cabo. Urazi igituma?​​— Reka tubirabe.

Yezu n’intumwa ziwe ni Abayuda, kandi Abayuda benshi bafata nabi Abasamariya. Ariko Yezu we ntiyigera abafata nabi. Abafata neza, kandi Yakobo na Yohani na bo nyene ni ko bari bakwiye kubafata. Ariko abo bigishwa babiri baca bashavurira abo Basamariya kubera ko banse kubakira, bagaca babaza Yezu bati: ‘Ushaka tubwire umuriro utibuke ubice?’ Wibaza ko Yezu abishura gute?​​— Ababwira ko badakwiye kuvuga ikintu kibi nk’ico! Yakobo na Yohani barakeneye kwiga vyinshi ku bijanye n’imbabazi.

Iyindi ngorane ikomeye Yakobo na Yohani bafise, ni uko bashaka kuba ab’imbere, kuba abahambaye cane kuruta abandi. Gatoyi imbere y’urupfu rwa Yezu, baratuma nyina wabo kumubwira ati: “Rivuge aba bahungu banje babiri bazokwicare, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu bwami bwawe.” Za ntumwa zindi cumi zumvise ivyo Yakobo na Yohani bakoze, zirashavura. Woba nawe wari gushavura?​​—⁠

Birashoboka. Ntibituryohera igihe abandi bashaka kuba ab’imbere kandi bakarondera kuba abahambaye kuruta abandi. Mu nyuma, Yakobo na Yohani baratahura ko ivyo bakoze ari bibi kandi ko bitaranga umutima mwiza maze bagahindura. Baracika intumwa zuzuye urukundo n’umutima mwiza. None ivyo bitwigisha iki?​​—⁠

Icigwa dukwiye kwigira kuri Yezu ni uko natwe twogaragariza abandi umutima mwiza. Yezu yafata abantu neza, baba abagabo, abagore canke abana. Woba uzokwama wihatira kwibuka akarorero kiwe maze ukagakurikiza?—

Soma muri Bibiliya yawe

  • Mariko 3:​17

  • Matayo 27:55, 56; Mariko 15:40, 41

  • Matayo 4:18-22

  • Yohani 4:4-15, 21-26; Luka 9:51-55

  • Matayo 20:20-24; Mariko 10:35-37, 41

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika