Ku bw’urwaruka
Nuburanire ugusenga kw’ukuri!
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
Abantu nyamukuru bavugwamwo: Eliya, Ahabu n’abahanuzi nka 450 ba Bayali
Incamake: Eliya arerekana neza ko Yehova aruta Bayali.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA 1 ABAMI 18:17-40.
Nucape ku rundi rupapuro ishusho yerekana aho wibaza ko Eliya ari, aho wibaza ko abahanuzi ba Bayali bari, n’aho wibaza ko ibicaniro biri.
Ni amajwi ameze gute usa n’uwumva mu gihe c’ivyo bintu vyuzuyemwo urwamo bivugwa kuva ku murongo wa 26 gushika ku wa 29?
․․․․․
Wibaza ko Eliya yumva amerewe gute igihe avuga abwira abo bahanuzi ba Bayali?
․․․․․
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
Kubera iki Eliya yari akeneye umutima rugabo kugira ngo aje kwa Ahabu maze atunganye isuzuma ryocishije bugufi abo bahanuzi amajana n’amajana ba Bayali? (Icogufasha kubimenya: Soma 1 Abami 18:4, 13, 14.)
․․․․․
Ukoresheje ibikoresho ushobora kuronka vyo kugira ubushakashatsi, nugerageze kugira ico umenye ku bijanye n’ugusenga Bayali. Nk’akarorero, ni imigirwa iyihe yajana n’ukwo gusenga? Ni akosho akahe ugusenga Bayali kwagize kuri Isirayeli?
․․․․․
Wibaza ko ari kubera iki Eliya yimvye umuvo irya n’ino y’igicaniro ca Yehova maze akawuzuza amazi?
․․․․․
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Umutima rugabo usabwa kugira ngo umuntu aburanire ugusenga kw’ukuri.
․․․․․
Ivyiza abagira uwo mutima rugabo bironkera.
․․․․․
UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.
Ni mu mice iyihe y’ubuzima woshobora kurushiriza kugaragaza umutima rugabo mu kuburanira ugusenga kw’ukuri?
․․․․․
4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․
Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org
[Uruzitiro ku rup. 31]
Amakuru ajanye n’ihwaniro ry’intara
Kuva muri uyu mwaka, amakuru ajanye n’amagenekerezo amahwaniro y’intara ya buri mwaka azoberako be n’ibibanza azoberamwo ntituzosubira kuyasanga mu Munara w’Inderetsi. Ushaka kuronka ayo makuru, urashobora kubaza Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu.