ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/11 rup. 22
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Imana Yadukunze Irtyo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Umugambi wa Yehova uzoranguka ata kabuza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/11 rup. 22

Ibibazo vy’abasomyi

Yezu yabwiye abariko baramwumviriza ati: “Mutegerezwa . . . kuba abatagira akanenge, nk’uko So wo mw’ijuru atagira akanenge.” Abantu bashobora gute “kuba abatagira akanenge” muri iki gihe?​—Mat. 5:48.

Kugira ngo dushobore kwishura ico kibazo dutegerezwa kubanza gutahura ukuntu imvugo ngo ‘kitagira akanenge’ ikoreshwa muri Bibiliya. Ibintu bivugwa mu Vyanditswe yuko ‘bitagira akanenge’ si vyose vyoshobora kuba bitagira akanenge mu buryo bwuzuye. Ariko rero, Yehova wewe nta kanenge na gato afise. Abantu canke ibintu birashobora kuba ibitagira akanenge ku rugero runaka gusa. Amajambo y’igiheburayo be n’ay’ikigiriki akoreshwa muri Bibiliya yahinduwe ngo ‘kitagira akanenge,’ akenshi asobanura ikintu ‘cuzuye,’ ‘gishitse,’ canke ‘kitagira amahinyu’ hisunzwe ingingo mfatirwako zashinzwe n’umuntu munaka afise ubukuru.

Adamu na Eva baremwe batagira akanenge mu vy’inyifato runtu, mu vy’impwemu no ku mubiri. Bari abatagira akanenge hisunzwe ingingo mfatirwako zashinzwe n’Umuremyi wabo. Kubera ko bagambaraye, ntibashikije izo ngingo mfatirwako bica bituma batakaza ukutagira akanenge kwabo be n’ukw’uruvyaro rwabo. Ku bw’ivyo, igicumuro, akanenge be n’urupfu vyashitse ku bantu biciye kuri Adamu.​—Rom. 5:12.

Ariko rero, nk’uko Yezu yabitomoye muri ya Nsiguro yo ku Musozi, mbere n’abantu b’abanyagasembwa barashobora kuba abatagira akanenge ku rugero runaka. Muri iyo nsiguro, yarashinze ingingo mfatirwako zigenga urukundo rutagira akanenge canke rwuzuye. Urwo rukundo ni nka rumwe Imana igaragariza abantu. Yezu yavuze ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Mat. 5:44, 45) Mu kugaragaza urukundo ku rugero nk’urwo, abigishwa ba Yezu bobaye bariko barigana akarorero katagira akanenge Imana itanga.

Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barihatira kuguma bagaragariza abandi mwene urwo rukundo rwo ku rugero rwo hejuru. Baripfuza gufasha abantu bo mu mice y’ubuzima itandukanye, bo mu bwoko butandukanye, n’abo mu madini atandukanye kugira ngo baronke ubumenyi butagiramwo amakosa bwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. Mu bihugu 236, Ivyabona bariko barigana Bibiliya n’abantu bashimishijwe barenga 7.000.000.

Yezu yabajije ati: “Nimwakunda ababakunda, ni impembo nki muzoba mufise? None abatozakori bo ntibagira nk’ivyo nyene? Kandi nimwaramutsa bene wanyu gusa, ikidasanzwe muzoba mukoze ni igiki? None abanyamahanga bo ntibagira nk’ivyo nyene?” (Mat. 5:46, 47) Abakirisu b’ukuri ntibakunda gusa abantu bize amashure manaka canke bo mu bwoko bunaka; eka kandi ntibakunda gusa abashobora kubakunda na bo. Ahubwo nyabuna, barafasha aboro n’abarwaye, abato n’abakuze. Muri ubwo buryo, abakirisu barashobora kwigana urukundo rwa Yehova gutyo bakaba abatagira akanenge ku rugero runaka.

Twoba tuzokwigera dushobora kuba abatagira akanenge nka kumwe Adamu yari ameze ataragambarara? Neza cane. Biciye ku kwizera inkuka y’incungu ya Yezu, abantu bagamburuka bazoba abatagira akanenge mu buryo bwuzuye mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, ‘Umwana w’Imana niyasambura ibikorwa vya Shetani.’​—1 Yoh. 3:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika