ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/11 rup. 23
  • ‘Ivyo yakoze vyaciye bijana na we’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ivyo yakoze vyaciye bijana na we’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Itangazo Ridasanzwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Abaherutse kuja mu Nama Nyobozi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Bariko baritanga babikunze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ikoraniro ryaranzwe n’ubumwe be n’imigambi yeza umutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/11 rup. 23

‘Ivyo yakoze vyaciye bijana na we’

THEODORE JARACZ, akaba yari umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa gatatu mu gitondo, igenekerezo rya 9 Ruheshi 2010. Yari afise imyaka 84, akaba yasize umukenyezi wiwe w’imyaka 53 yitwa Melita. Mu bandi bantu yasize harimwo mushikiwe umwe hamwe n’abishwa batatu, umwe w’umuhungu na babiri b’abakobwa.

Umuvukanyi Jaracz yavukiye i Pike County muri Kentucky muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku wa 28 Nyakanga 1925, akaba yabatijwe afise imyaka 15 ku wa 10 Myandagaro 1941. Haciye imyaka ibiri, ico gihe akaba yari afise imyaka 17, yarinjiye mu gikorwa c’ubutsimvyi busanzwe, aba atanguye umwuga yamazemwo igihe kirekire, ni ukuvuga imyaka hafi 67 akora umurimo w’igihe cose.

Mu 1946, ico gihe umuvukanyi Jaracz akaba yari afise imyaka 20, yaritavye umugwi ugira indwi w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Umuvukanyi Jaracz amaze kuronka urupapuro rw’umutsindo, yaciye ashingwa igikorwa co kuba umucungezi w’ingenzi i Cleveland muri Ohio, kano kakaba ari akarere ko muri Leta Zunze Ubumwe. Mu 1951, yarashinzwe ibanga ryo guhagarikira igikorwa kw’ishami ryo muri Ostraliya. Igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1983 cavuze yuko umuvukanyi Jaracz “yaremesha cane abavukanyi bo hirya no hino muri ico gihugu biciye ku mwete yari afitiye urutonde rwa gitewokarasi no ku karorero keza yatanga mu ndimiro.”

Umuvukanyi Jaracz amaze gusubira muri Leta Zunze Ubumwe yaciye yubakana na Melita Lasko ku wa 10 Kigarama 1956. Batanguye ubuzima bwabo ari abubakanye mu gukora igikorwa co kugendera amashengero, barakorera mu mizunguruko no mu ntara babigiranye umwete, barahetura igice kinini ca Leta Zunze Ubumwe. Mu mpera z’umwaka wa 1974, umuvukanyi Jaracz yarasabwe kuba mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.

Umuvukanyi Jaracz azokwama yibukirwa ku kuba yari umusavyi wa Yehova yiyeguye kandi w’intahemuka, yitwararika n’umutima wiwe wose ibikorwa vya gitewokarasi. Yari umunega w’umunyarukundo kandi yitwararikana akongera akaba umuntu ahumuye mu vy’impwemu yashira imbere ineza y’abandi. (1 Kor. 13:4, 5) Ukuba yaritwararika abandi abikuye ku mutima vyabonekera ku kuntu yarazwa ishinga cane n’uko abantu bose bafatwa mu buryo butarimwo akarenganyo kandi burangwa imbabazi. Vyongeye, ukuntu yakunda abantu akongera akabitwararika adatezura vyagaragarira ku mwete yari afise mu busuku bwo mu ndimiro.

Naho twababajwe cane no kuba twarabuze umwe mu bagize umuryango wa Beteli akaba no mu bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose w’umukundwa kandi yakora cane, turahimbarwa n’umurimo umuvukanyi Jaracz yaranguriye Yehova adahemuka mu myaka mirongo. Turizigiye yuko ‘yerekanye ko ari umwizigirwa no gushika ku rupfu be n’uko yaronse urugori rw’ubuzima.’ (Ivyah. 2:10) Turemera kandi tudakeka ko ‘ivyo yakoze vyaciye bijana na we.’​—Ivyah. 14:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika