ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/11 rup. 7
  • Nuhitemwo neza abagenzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhitemwo neza abagenzi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Twohitamwo gute abagenzi beza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nuhitemwo abagenzi bakunda Imana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Dukunde abo Imana ikunda
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Yonatani “yafatanije n’Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/11 rup. 7

Ikintu ca 4

Nuhitemwo neza abagenzi

BIBILIYA YIGISHA IKI? “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

KUBERA IKI BITOROSHE? Abagenzi bacu baratuma turushiriza gushima uko ivyacu vyifashe canke na ho bagatuma haba igihushane. Ibiyago vyabo be n’ukuntu babona ibintu ntibibura kugira ico bikoze ku kuntu tubona ubuzima.​—1 Abakorinto 15:33.

Nk’akarorero, rimbura inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivya ba bagabo 12 bagaruka bavuye ku rugendo bari barungitswemwo mu gihugu c’i Kanani. Benshi muri bo “baguma bashikiriza bene Isirayeli inkuru mbi ku bijanye n’ico gihugu bari batase.” Yamara, babiri muri bo baravuze neza ico gihugu c’i Kanani, bacita “igihugu ciza, ciza cane.” Ariko ukubona ibintu nabi kw’abo bandi cumi kwarakwiragiye mu bantu. Iyo nkuru ivuga iti: “Ikoraniro ryose rishira ijwi hejuru . . . Nuko bene Isirayeli bose batangura kwidodomb[a].”​—Guharūra 13:30–14:9.

No muri iki gihe, abantu benshi usanga ari “abidodomvyi, abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima.” (Yuda 16) Biragoye ko umuntu abandanya gushima uko ivyiwe vyifashe igihe yifatanya n’abagenzi batigera banezererwa uko ivyabo vyifashe.

WOKORA IKI? Nusuzume ibiyago ugirana n’abagenzi bawe. Abo bagenzi bawe boba bakunda kwiratira ivyo batunze? Boba baguma bidoga ku bijanye n’ivyo badafise? Weho ubabera umugenzi ameze gute? Woba ugerageza gutuma abagenzi bawe bakugirira agashari, canke woba ubaremesha gushima ivyo bafise?

Rimbura akarorero ka Dawidi, uwari guhava aba umwami, hamwe na Yonatani umuhungu w’Umwami Sauli. Dawidi yari amaze igihe abaho nk’impunzi mu gahinga. Umwami Sauli yumva umengo Dawidi aramubangamiye, akaba rero yamwipfuriza gupfa. Naho ku bisanzwe Yonatani ari we yari gusubirira umwami ku ngoma, yari amaze kuba umwe mu bagenzi somambike ba Dawidi. Yonatani yaremera akemanga ko Imana yari yaragenye Dawidi ngo azobe ari we asubirira umwami ku ngoma, kandi yarahimbarwa no gushigikira uwo mugenzi wiwe.​—1 Samweli 19:1, 2; 20:30-33; 23:14-18.

Abagenzi nk’abo ni bo ukeneye, ni ukuvuga abagenzi bagerageza gushima uko ivyabo vyifashe kandi bakwipfuriza ineza. (Imigani 17:17) Ariko ntiwumve, kugira ngo ugire abagenzi mwene abo, na wewe ubwawe ukeneye kumera nk’ukwo nyene.​—Abafilipi 2:3, 4.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 7]

Abagenzi bawe boba batuma urushiriza gushima uko ivyawe vyifashe canke batuma haba igihushane?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika