ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/11 rup. 6
  • Nugumane agatima ko gukenguruka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugumane agatima ko gukenguruka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki twogaragaza ko dukenguruka?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yehova ni Imana ikenguruka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ni kuki dukwiye kugaragaza ko dukenguruka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • «Yakoze ivyo ashoboye»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/11 rup. 6

Ikintu ca 3

Nugumane agatima ko gukenguruka

BIBILIYA YIGISHA IKI? “Mukenguruke muri vyose.”​—1 Abatesalonika 5:18.

KUBERA IKI BITOROSHE? Dukikujwe n’abantu bibona kandi b’intashima, utwo dutima tukaba dushobora kutwandukira. (2 Timoteyo 3:1, 2) Ikigeretseko, twoshobora kwumva tubwirizwa kwama twongereza ibikorwa ku vyo dusanganywe mu buzima bwacu bwari busanzwe butaduha n’akanya ko guhema. Twoshobora kuremerwa cane n’ingorane canke tugatwarwa cane n’ivyacu ku buryo tutaronka n’umwanya wo kubona no gukenguruka ivyo dusanzwe dufise canke wo gukengurukira abandi ku vyo badukorera.

WOKORA IKI? Nufate akanya ko kuzirikana ku bintu vyiza ufise ubu. Ego ni ko, woshobora kwumva urengewe n’ingorane. Ariko rimbura akarorero k’Umwami Dawidi. Vyarashika akumva ajanjaguritse, akumva n’umutima wiwe utimvye kubera ingorane. Naho vyari ukwo, yasenze Imana ati: “Nazirikanye igikorwa cawe cose; nagumye nitwararitse igikorwa c’amaboko yawe ndabikunze.” (Zaburi 143:3-5) Naho Dawidi yahuye n’ingorane, yagumanye agatima ko gukenguruka kandi yagumye ahimbawe n’uko ivyiwe vyifashe.

Nuzirikane ku vyo abandi bakoze kugira ngo bagufashe, uheze ugaragaze ko ukenguruka utwigoro bagize. Yezu yaratanze akarorero kadasanzwe muri ivyo. Nka ca gihe umugenzi wiwe Mariya yamusuka ku mutwe no ku birenge amavuta azimvye, hari ababajije bati: “Ni kuki habaye iryo sesagurwa ry’amavuta amota neza?”a Abo baneguye ico kintu babona ko ayo mavuta yari kugurishwa maze ayo mahera agahabwa aboro. Yezu yishuye ati: “Mureke. Mumugorera iki?” Yongeyeko ati: “Yakoze ivyo ashoboye.” (Mariko 14:3-8; Yohani 12:3) Aho gushimika ku vyo Mariya atakoze, Yezu yakengurutse ivyo yakoze.

Hari ababona agaciro k’umuryango, abagenzi canke iyindi mihezagiro, batakibifise. Urashobora kwirinda ico kintu kibabaje mu kuzirikana ku bintu vyiza ufise ubu! Ubona gute utondetse mu bwenge canke mu nyandiko ibintu ukenguruka?

Kubera ko “ingabirano nziza yose” iva ku Mana, vyoba vyiza tuyikengurukiye mw’isengesho. (Yakobo 1:17) Kwama tubigira birashobora gutuma tugumana agatima ko gukenguruka bigatuma kandi twama duhimbarwa n’uko ivyacu vyifashe.​—Abafilipi 4:6, 7.

[Akajambo k’epfo]

a Mu kinjana ca mbere, gusuka amavuta ku mutwe w’umushitsi cari ikintu cerekana ubwakiranyi; kuyamusuka ku birenge na vyo cari ikintu cerekana ukwicisha bugufi.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 6]

Woba ukengurukira abandi ku vyo bagukorera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika