Ico kumenya izina ry’Imana bisobanura
IZINA ryawe ryoba rifise insobanuro kanaka? Mu mihingo imwimwe yo kw’isi usanga bakunze guha umwana izina riri n’ico risobanura. Izina ahawe rishobora kuba rijanye n’ivyo abavyeyi bemera be n’imico bagendera canke rikaba rijanye n’ivyizigiro be n’ivyipfuzo bafise ku vyerekeye kazoza k’uwo mwana wabo.
Ivyo kwita abantu amazina afise insobanuro si bishasha. Mu bihe vya Bibiliya, akenshi wasanga abantu bahabwa amazina bivanye n’insobanuro yayo. Amazina yarashobora kwerekana uruhara biteze ko umuntu arangura mu buzima. Nk’akarorero, igihe Yehova yabwira Dawidi ibijanye n’uruhara umuhungu wiwe Salomo yoranguye, yavuze ati: “Izina ryiwe azokwitwa Salomo [rikomoka kw’itsitso risobanura ngo “Amahoro”]; . . . kandi nzoha Ubgisirayeli amahoro n’umutēkāno ku ngoma yiwe.”—1 Ngoma 22:9.
Rimwe na rimwe Yehova yaraha izina rishasha umuntu yaba agiye kurangura uruhara kanaka rushasha. Wa mukenyezi atavyara wa Aburahamu yiswe Sara, bisobanura ngo “Umuganwakazi.” Kubera iki? Yehova yasiguye ati: “Nzomuha umugisha, nteko nguhe umwana kuri we: ni koko nzomuha umugisha, kand’azoba inakuruza w’amahanga; abami b’amoko bazokomōka kuri we.” (Itanguriro 17:16) Birumvikana ko gutahura igituma Sara yarahawe izina rishasha vyasobanura gutahura uruhara rushasha yoranguye.
Tuvuge iki ku bijanye na rya zina rihambaye cane kuruta ayandi yose, ari ryo Yehova? Risobanura iki? Igihe Musa yabaza Yehova Imana ivyerekeye izina ryayo, yishuye ati: “NDI UWO NDI WE.” (Kuvayo 3:14) Bibiliya nyinshi zerekana ko Imana yishuye gutyo. Ariko Bibiliya yitirirwa uwitwa Rotherham ihavuga ngo: “Nzocika ico nshaka cose.” Izina Yehova ryerekana yuko ari Imana irangura uruhara rurimwo vyinshi, bitagira uko bingana. Tubitangire akarorero gasanzwe: Ku musi ku musi, inabibondo yoshobora kurangura uruhara rurimwo vyinshi mu kwitwararika abana biwe, agashobora kuba umurezi, umutetsi, umwigisha, bivanye n’ikiba gikenewe. Ni ko bimeze no kuri Yehova, uretse ko kuri we biri ku rugero rwo hejuru cane. Kugira ngo arangure umugambi afitiye abantu uranga urukundo, arashobora gucika ico yipfuza cose, agashitsa uruhara urwo ari rwo rwose rukenewe. Kumenya neza izina Yehova rero birimwo ugutahura n’uguha agaciro uruhara arangura rurimwo vyinshi.
Ikibabaje ni uko abantu batazi neza izina ry’Imana batabona ubwiza bwa kamere yayo. Ariko rero biciye ku kwiga Bibiliya, urashobora gutahura no guha agaciro uruhara rurimwo vyinshi Yehova arangura ari Umujanama w’inkerebutsi, Umurokozi w’umunyabubasha, Umutanzi atanga atitangiriye itama, n’ibindi n’ibindi. Insobanuro itekeye vyinshi y’izina Yehova irateye akoba koko.
Ariko rero, kumenya neza izina ry’Imana ntivyama vyoroshe. Ikiganiro gikurikira kiratwereka igituma ari ukwo biri.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
Shrine of the Book, Photo © The Israel Museum, Jerusalem