Woba uzi neza izina ry’Imana?
Kwemererwa kuramutsa umuntu ahambaye cane no kuvugana na we ukoresheje izina ryiwe ni agateka. Abantu bakomakomeye benshi usanga bitwa amazina y’icubahiro nk’aya ngo “Perezida,” “Nyakwubahwa” canke “Nyenicubahiro.” Bishitse rero umuntu ahambaye akakubwira ngo: “Ntiwitinye kumpamagara mw’izina,” ntiwobura kwumva ko aguteye agateka.
IMANA y’ukuri itubwira mw’Ijambo ryayo ryanditswe ari ryo Bibiliya, iti: “Jewe ndi [Yehova], iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8)a Naho ifise amazina menshi y’icubahiro nk’aya ngo “Umuremyi,” “Mushoboravyose,” na “Mwami Uhoraho,” yamye itera agateka abasavyi bayo b’intahemuka mu kubemerera ko bavugana na yo bakoresheje izina ryayo ry’uruharo.
Nk’akarorero, igihe kimwe umuhanuzi Musa yatanguye gutakambira Imana avuga ati: “[Yehova], mbega ko . . . ” (Kuvayo 4:10) Ku musi wo kwegurira Imana urusengero rw’i Yeruzalemu, Umwami Salomo yatanguje isengesho ryiwe amajambo avuga ati: “[Yehova], Mana y’Abisirayeli.” (1 Abami 8:22, 23) N’igihe umuhanuzi Yesaya yavugana n’Imana asabira Abisirayeli, yavuze ati: “Wewe ubgawe, [Yehova], ni wewe Data.” (Yesaya 63:16) Biribonekeza ko Data wa twese wo mw’ijuru aturemesha kuvugana na we dukoresheje izina ryiwe.
Naho kuvugana n’Imana dukoresheje izina ryayo bihambaye, kumenya vy’ukuri izina ryayo si ico gusa bisobanura. Ku bijanye n’umuntu akunda Yehova akongera akamwizigira, Yehova asezerana ati: “[“Nzomukingira,” NW] kuko yamenye izina ryanje.” (Zaburi 91:14) Biratomoye yuko kumenya izina ry’Imana bitegerezwa kuba bisobanura vyinshi kubera ko ari ikintu nyamukuru gisabwa kugira ngo umuntu akingirwe n’Imana. Woba usabwa iki none kugira ngo umenye neza izina Yehova?
[Akajambo k’epfo]
a Muri uyu murongo no mu burorero butatu bukurikira bwo mu Vyanditswe (Kuvayo 4:10; 1 Abami 8:22, 23 na Yesaya 63:16), Bibiliya Yera ikoresha ijambo “Umwami” canke “Uhoraho.” Ariko rero mu rurimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango, Imana muri iyo mirongo ivugwa mw’izina ryayo ari ryo Yehova.