Ndakenguruka naho nashikiwe n’ivyago—Ukuntu Bibiliya yamfashije kwihangana
Nk’uko vyavuzwe na Enrique Caravaca Acosta
Hari ku wa 15 Ndamukiza 1971. Nari ku rugendo ngiye kuramutsa umuryango wanje aho twaba kw’itongo ryacu. Kubera yuko hari haciye igihe ntaza i muhira, nari nshashaye cane kubona ab’i muhira bose. Naguma nibaza nimba nza kubasanga i muhira bose, nkibaza n’uwo nza gutangura kubona. Nkimara gushika, narakubiswe n’inkuba nsanze abantu bane, ushizemwo na mawe, ari ibiziga!
NARACITSE ivutu bimwe bitovugwa. None ni ibiki vyari vyabaye? Nari gukora iki? Nta n’umwe yari mu micungararo, kandi numvise ntaye umutwe ata n’ico nshoboye gukora. Imbere y’uko mbandanya iyo nkuru, reka ndabacire ku mayange ibijanye n’ukuntu nakuze. Muraheza murushirize gutahura ukuntu numvise merewe ku bijanye n’ico cago be n’ibindi vyashitse mu buzima bwanje.
Tumenya ukuri
Navukiye i Quirimán, hafi y’igisagara ca Nicoya, muri Kosta Rika. Mu 1953, igihe nari mfise imyaka 37, nabana n’abavyeyi banje kw’itongo ryacu. Naho nakuriye muri gatolika, hari inyigisho zimwezimwe zitaduhimbara kandi twari dufise ibibazo vyinshi tutashobora kuronkera inyishu.
Umusi umwe mu gitondo, umugabo yitwa Anatolio Alfaro yaratugendeye i muhira maze aturemesha kwiga Bibiliya. Yaratweretse ivyanditswe vyinshi be n’inyigisho nyinshi zo muri Bibiliya. Dawe, mawe, umwe muri barumunanje, mushikanje, umugenzi wiwe yaba iwacu be na jewe, twese twaricaye turumviriza. Ico kiyago camaze umusi wose gushika mw’ijoro bwitereye. Twari dufise ibibazo vyinshi.
Anatolio yamaranye natwe iryo joro be n’umusi wakurikiye. Twaranezerejwe n’ivyo twumvise eka mbere turarushiriza kuryoherwa igihe ibibazo twari dufise vyishurwa hakoreshejwe Bibiliya ubwayo. Ico kiyago caradukoze ku mutima cane. Twarazirikanye ku vyo twari twize, maze tubona ko twari twubuye ukuri. Anatolio yaradusigiye ibinyamakuru be n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Mw’ijoro, twarabisoma tukongera tukavyiga turi hamwe uko tugize umuryango. Ivyo ntivyari vyoroshe kuko ata muyagankuba twari dufise. Imbere y’uko twicara ngo twige, umwe wese muri twebwe yarafata igunira bashiramwo ibiraya maze akipfuka ku birenge no ku maguru kugira ngo yikingire imibu.
Haciye amezi atandatu, batanu mu bagize umuryango wanje barabatijwe, ushizemwo abavyeyi banje hamwe na jewe. Tubigiranye umunezero, twaratanguye kuja ku nzu n’inzu kugira ngo tubwire abandi ivyo twari twize. Twaragenda n’amaguru mu kiringo c’amasaha nk’abiri, rimwe na rimwe tukaba twagendera kw’ifarasi tugiye mu gisagara citwa Carrillo kugira ngo twikoranirize hamwe n’umugwi w’Ivyabona vya Yehova baho. Anatolio yagumye aza i muhira kugira ngo atwigishe Bibiliya. Mu nyuma, haratunganijwe ivy’uko iwacu hagirirwa ikoraniro, rikaba ryitabwa n’abantu bashika ku munani. Uwo mugwi wahavuye ugirwa n’abantu babatijwe gusa. Ntiwatevye kugwira ucika ishengero ritoya rigizwe n’abantu nka 20.
Nkorera Imana mu murimo w’igihe cose
Haciye igihe, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Kosta Rika vyarateye akamo abo bose bari babishoboye ngo batangure igikorwa co kwamamaza Injili igihe cose. Mu 1957, naritabiriye ako kamo maze nca ntangura gukora ubusuku bw’igihe cose. Ico gikorwa cari gishimishije cane. Akenshi naragira urugendo rw’amasaha atari make ndi jenyene ngiye kuraba abantu bo mu turere two hagati mu gihugu. Rimwe na rimwe abantu ntibanyakira neza. Ndibuka n’imiburiburi incuro zitatu nagizweko iterabwoba n’abagabo bari bafise ibipanga, bashaka kumenya uwo ndi we be n’ico nariko ndakora.
Nko mu myaka ya 1950, amabarabara nka yose wasanga ari utuyira gusa twaca mu gahinga, kandi vyaratugora gushikira abantu. Kugira ngo dushike mu turere tumwetumwe, vyasaba ko tugendera ku mafarasi. Twarajabuka inzuzi kandi vyarashika tukamara amajoro atari make turara mu gahinga. Imibu myinshi cane yari ihari yatuma tumererwa nabi. Twategerezwa kandi kuguma tugavye kugira ngo twirinde inzoka be n’ingona. Muri ivyo bintu vyose, narahimbarwa cane no gufasha abantu kwiga ivyerekeye Yehova Imana. Igihe naba nshitse i muhira, narumva mpimbawe kandi nshize akanyota kubera yuko naba nashoboye kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Uko narangura ico gikorwa canje nkongera nkiyigisha Bibiliya ku musi ku musi, ni ko urukundo nakunda Yehova Imana rwarushiriza kwongerekana, bigatuma numva ndushirije kumwiyegereza.
Nahavuye nterwa utundi duteka. Naramaze imyaka irenga cumi nsukura ndi umucungezi w’ingenzi, nkagendera nkongera nkakomeza amashengero yo mu karere kanaka, buri ndwi nkaba nagendera rimwerimwe muri yo. Naho vyabaye ngombwa ko mpagarika ako gateka k’umurimo bivuye ku ngorane z’amagara, narabandanije gusukurira Imana mu murimo w’igihe cose.
Haduka icago
Mu nyuma, igihe nari i Nicoya mu 1971, narasubiye i muhira kuramutsa umuryango. Igihe ninjira mu nzu, nasanze mawe, uwari afise imyaka 80 arambaraye hasi. Yari yarashwe yongera aracumitwa imbugita. Igihe nunama kugira ndamusegure, yari agihema. Haciye akanya yaciye ancikanira mu maboko. Nararavye hirya no hino, maze nca mbona hasi mu gikoni harambaraye umukozi yakora mu gikoni, uno akaba yari afise inda y’amezi umunani. Na we nyene yari yapfuye. Ngo amagorwa ntasiga ayandi, ngize ntya nasanze kandi hari umwe mu bagize ishengero ry’aho iwacu arambaraye muri koridoro yapfuye, umuhungu akiri muto wa wa mukozi wo mu gikoni na we yari arambaraye mu bwogero yapfuye. Bose bari bacumiswe bongera bararaswa bunyamaswa. Ni nde yoba yari yakoze iryo bara, kandi kubera iki?
Igihe nasohoka hanze, nahasanze dawe. Yari yarashwe mu mutwe ariko yari agihema! Naciye nyaragasa nja aho murumunanje yaba, na ho hakaba hari urugendo rw’iminuta nka 15. Nshitseyo, nasanze hari uwundi mukenyezi be n’umuhungu wiwe na bo nyene bishwe. Ese ukuntu nababajwe cane no kumenya ko bari bishwe n’umwishwa wanje w’imyaka 17, uno akaba atari Icabona ca Yehova kandi akaba yari arwaye mu mutwe! Yari yataye arahunga. Abategetsi baciye batangura kumuhiga buhongo, ico kikaba cari ikintu kitari bwigere kigirwa kuri urwo rugero muri kahise kose ka Kosta Rika.
Iyo nkuru yaciye ivugangwa mu binyamakuru vyo muri ico gihugu. Haciye imisi indwi, igipolisi carabonye uwo mwicanyi afise urubugita runini be n’inkoho yo mu bwoko bwa pistolet ishobora kurasa gushika ku metero 22, akaba yari yayiguze n’umuntu naho uno yari asanzwe azi ko afise ingorane yo mu mutwe kandi yahahamutse. Igihe bariko baragerageza gufata uwo mwishwa wanje, baramurashe aca arapfa.
Igihe yariko arahigwa buhongo, abantu benshi bampanuye ngo mpunge mve muri ako karere kubera yuko batinya ko uwo mwishwa wanje yoshoboye kugaruka kungirira nabi. Narasenze ku bw’ico kintu kubera yuko numva nkeneye kugumana n’abagize umuryango bari barokotse be n’abagize ishengero. Naciye rero nguma ng’aho.
Nugarizwa n’ivyago vyaje bikurakuranwa
Ikibabaje, dawe yamaze umwaka umwe gusa aca arapfa. Mu mwaka wakurikiye, mushikanje, uno akaba yari umusavyi wa Yehova Imana w’umwizigirwa, yaragandaguwe mu gitero kitari gifitaniye isano na bimwe vyari vyashitse. N’ico gihe nyene, incuti zanje zose zarababajwe cane no kubura uwundi muntu mu muryango. Nta majambo ariho ashobora kudondora intuntu n’umubabaro twagize. Muri ayo magume yose, nagumye nihetse cane kuri Yehova kandi nagumye ndamutakambira ngo ampe inkomezi.
Mu 1985, naritavye ishure ry’imisi itatu rimenyereza abakurambere bakirisu ryabereye i San José ku murwa mukuru. Iryo shure rirangiye, numvise ubucuti mfitaniye na Yehova burushirije gukomera. Ku wa mbere nazindutse nja gufata ibisi kugira ngo ntahe i muhira. Igihe nariko ngenda ku gituro c’amabisi, naratewe n’inkozi z’ikibi, zino zikaba zaraniguye zongera ziransahura. Ivyo vyose vyabaye mu mwanya muto cane ku buryo ntashoboye kubabona no mu maso. Ivyo vyatumye ntaba ngishobora guhanahana amakuru n’abandi bantu nk’uko bisanzwe bigirwa mu mico yo muri Kosta Rika. Mu bisanzwe ng’aha mu ntara ya Guanacaste, abagabo baravuga n’ijwi rirenga igihe bahuye bakaramukanya canke bakabigira kugira gusa bamenyeshe abandi ko ari ho bari. Nari nahoze ndi karuhariwe muri ico kintu, mugabo inyuma y’ico gitero sinari ngishoboye kubigira.
Mu 1979, narubakanye na Celia, uno akaba yari Icabona mugenzanje yava mw’ishengero ribanyi. Celia yarakunda Bibiliya. Twarayisoma tukongera tukayigira hamwe buri musi. Ikibabaje, ni uko muri Mukakaro 2001 yapfuye ahitanywe na kanseri. Bihora bishika nkumva mfise irungu, mugabo icizigiro c’izuka kirankomeza.—Yohani 5:28, 29.
Ndanezerewe naho nshikirwa n’ibigeragezo
Naho mu buzima nshobora kuba narashikiwe n’ibintu bibabaje gusumba ivyashikiye abantu benshi, mbona ko ivyo bigeragezo ari uturyo two kugaragariza Yehova ukwizera kwanje be n’ukutadohoka kwanje. (Yakobo 1:13) Kugira ngume mbona mu buryo buri ku burimbane ibiriko biranshikira, ngumiza ku muzirikanyi yuko “ibihe n’ibiza ku muntu” bipfa kutuzako twese. (Umusiguzi 9:11) Vyongeye, ndibuka yuko ibi ari “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” kubera ko abantu ari inkazi kandi batagira ukwigumya. (2 Timoteyo 3:1-5) Nagumiza kandi ku muzirikanyi akarorero ka Yobu. Naho Yobu yashikiwe n’ivyago nko kubura abagize umuryango wiwe, kurwara be no gutakaza ivyo yari atunze, yavuze ashikamye ati: “Izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.” Kandi, Yehova yarahezagiye cane Yobu kubera yagumanye ugutungana kwiwe. (Yobu 1:13-22; 42:12-15) Ivyo vyiyumviro vyose vyo muri Bibiliya biramfasha kuguma nezerewe naho nshikirwa n’ibigeragezo vyinshi.
Yehova yamye nantaryo amfasha kuguma ari we nshira mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje. Gusoma Bibiliya ku musi ku musi ni isoko ry’uguhumurizwa gukomeye kandi vyarandonkeje inkomezi zo kwihangana. Biciye ku kwitura Yehova mw’isengesho, ndashobora kuronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Abafilipi 4:6, 7) Ivyo bituma ngira amahoro yo mu muzirikanyi. Kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kuyagiramwo uruhara na vyo nyene birakomeza ukwizera kwanje.—Abaheburayo 10:24, 25.
Naho nitereye mu myaka, ndakengurukira Yehova kubona ngifise inkomezi zo gukorana n’abakirisu bagenzanje, kwigana Bibiliya n’abandi be no kugira uruhara mu busuku. Gusukurira abandi muri ubwo buryo birandonsa inguvu zo gutsinda umwiheburo. Vy’ukuri, ndakengurukira Yehova bimwe bivuye ku mutima, naho nashikiwe n’ivyago vyinshi mu buzima bwanje.a
[Akajambo k’epfo]
a Haheze imyaka ibiri Enrique Caravaca Acosta ashikirije iyi nkuru, yarapfuye afise imyaka 90.
[Iciyumviro ku rup. 20]
Gusoma Bibiliya ku musi ku musi ni isoko ry’uguhumurizwa gukomeye kandi vyarandonkeje inkomezi zo kwihangana
[Ifoto ku rup. 19]
Igihe natangura gushikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya
[Ifoto ku rup. 20]
Ndi mu busuku bwo mu ndimiro nkiritera nkarisama