ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/6 rup. 16-17
  • Umwishwa wa Paulo yararokoye ubuzima bw’uwo inarume

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwishwa wa Paulo yararokoye ubuzima bw’uwo inarume
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Umwana wa mushiki wa Paulo ntiyatinya
    Niwigishe abana bawe
  • «Gira umutima rugabo!»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Nugire umutima rugabo—Yehova ni Umutabazi wawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Gushinga intahe inogangije n’“umutima rugabo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/6 rup. 16-17

Niwigishe abana bawe

Umwishwa wa Paulo yararokoye ubuzima bw’uwo inarume

WOBA wari uzi ko intumwa Paulo yari afise incuti zari mu bayoboke ba Yezu?a​— Biboneka ko mushikiwe be n’umuhungu w’uwo mushikiwe bari abayoboke ba Yezu. Kandi uwo mwishwa wa Paulo yaramurokoreye ubuzima! Ntituzi izina ryiwe canke irya nyina, mugabo turazi ivyo yakoze. Woba woshima kwumva ivyo ari vyo?​—

Paulo ni ho akiva mu rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari ubu akaba ari i Yeruzalemu. Biboneka ko ari mu mwaka wa 56 G.C. Paulo yafashwe kandi ategerezwa gucirwa urubanza. Mugabo abansi ba Paulo ntibashaka ko arinda kuburana. Bashaka ko yicwa! Baca rero barondera abagabo nka 40 bakababwira ngo bategerere Paulo mu nzira ija i Sezariya maze bamwice.

Sinzi ukuntu umwishwa wa Paulo yumvise ibijanye n’uwo mugambi wabo. Woba uzi ico aca akora?​— Aca aja kwa Paulo maze akabimubwira. Ubwo nyene, Paulo aca abwira intwazangabo, ati: “Jana uyu musore kwa komanda wa gisirikare, kuko ari n’ico amumenyesha.” Iyo ntwazangabo ica imutwara kwa komanda Kolode Lisiyasi, maze ikavuga ko uyo musore afise amakuru ahambaye ashaka kumubwira. Kolode aca yikebukanya uwo mwishwa wa Paulo maze uwo musore agaca amubwira vyose.

Kolode aragabisha uwo mwishwa wa Paulo ati: “Ntihagire uwo ukerukiriza yuko wamenyesheje ivyo bintu.” Aca ahamagara intwazangabo zibiri akazibwira ngo zitegure abasoda 200, n’abagabo 70 bagendera ku mafarasi be n’abagabo 200 bitwaza amacumu kugira ngo bitegurire kuja i Sezariya. Muri iryo joro, isaha zitatu zuzuye, izo ngabo 470 zirahaguruka maze zigashikana Paulo ata nkomanzi kwa Buramatari w’Umuroma yitwa Felisi i Sezariya. Mw’ikete Kolode yandikira Felisi, aramubwira ibijanye na ya migambi yo kwica Paulo.

Bica biba ngombwa rero ko Abayuda baja guhurira na Paulo muri sentare i Sezariya kugira ngo batange ibirego vyabo. Ariko rero, nta kimenyamenya bafise cemeza ko hari ikintu kibi na kimwe Paulo yakoze. Naho ari ukwo, Paulo aratabwa mw’ibohero ku karenganyo akarimaramwo imyaka ibiri. Ku bw’ivyo, aca asaba kwungururiza i Roma, kandi ararungikwayo.​—Ibikorwa 23:16–24:27; 25:8-12.

Ni igiki twigira kuri iyi nkuru yigana ivy’uwo mwishwa wa Paulo?​— Tuhakura icigwa c’uko bisaba umutima rugabo kugira ngo tuburanire ibigororotse be n’uko tubigize dushobora gukiza ubuzima bw’abantu. Mbere n’igihe Yezu yamenya ko abansi biwe “bariko barondera kumwica,” yagumye abwira abantu ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Yezu yatubwiye ko twobigenza gutyo nyene. Twoba tuzobigira? Tuzobigira nimba dufise umutima rugabo nk’umwe umwishwa wa Paulo yari afise.​—Yohani 7:1; 15:13; Matayo 24:14; 28:18-20.

Paulo yahimirije umugenzi wiwe Timoteyo yari akiri muto, ati: “Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe. Ugume muri ivyo bintu, kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza.” (1 Timoteyo 4:16) Ata gukeka, umwishwa wa Paulo yarashize mu ngiro mwene ayo majambo yo guhimiriza yavuzwe na inarume. Woba nawe uzobigira?

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’abana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukerekeza ivyo bibazo kuri bo.

Ibibazo:

  • Bamwebamwe mu ncuti za Paulo bari bande, kandi ni ibiki twabigiyeko?

  • Ni igiki umwishwa wa Paulo yakoze kugira ngo akize ubuzima bwa Paulo?

  • Mu kugamburukira Yezu, ni igiki twokora gishobora gufasha mu gukiza ubuzima bw’abantu muri iki gihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika