ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/12 rup. 9-12
  • Isuku, ni kubera iki rihambaye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isuku, ni kubera iki rihambaye?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Birahambaye ko abagize umuryango basenyera ku mugozi umwe
  • Kuba abantu basukuye biratera iteka Imana dusenga
  • “Nimwigane Imana”
  • Isuku Rihambaye Ukungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Isuku mu vy’Ukuri Risobanura Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yehova akunda abantu basukuye
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Imana ikunda abantu badahumanye
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/12 rup. 9-12

Isuku, ni kubera iki rihambaye?

Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi abantu basinzikazwa n’ivyago be n’ibiza. Abantu bamwebamwe bemeza yuko ivyo bintu ari ikimenyetso c’uburake bw’Imana be n’uko ibiteza kugira ngo ihane abanyakibi. Umwihwezo wamaze igihe kitari gito be n’ubushakashatsi bwitondewe vyagizwe mu binjana bitari bike, vyahishuye yuko akenshi udukoko tubana natwe ari two dutuma turwara.

Abashakashatsi mu vy’ubuvuzi basanze imbeba, inyenzi, isazi be n’imibu vyose bishobora gukwiragiza indwara. Basanze kandi abantu bakunda kwikwegera indwara biciye gusa ku kutagira isuku. Biboneka ko isuku rishobora gutuma umuntu abaho canke apfa.

Birumvikana ko amategeko ajanye n’ivy’isuku atandukanye bivanye n’imico kama y’ahantu be n’ukuntu ivyaho biba vyifashe. Mu turere aho usanga ata mazi ya rusengo canke imifurege yo gutwara amazi mabi biriho, isuku rirashobora kuba urugamba rutoroshe. Yamara, Imana yarahaye Abisirayeli ba kera ubuyobozi bujanye n’ivy’isuku igihe bari mu rugendo mu bugaragwa, aho ivyo kugira isuku vyari bigoye cane kuruta ahandi.

Ni kubera iki isuku riri n’ico rivuze ku Mana? Ibijanye n’isuku dukwiye kubibona mu buryo bubereye ubuhe? Ni ingingo zisanzwe izihe wewe n’umuryango wawe mwofata kugira mwirinde ngo indwara ntizize zirabandukira cane?

IVYIGWA birarangiye, agahungu Max,a kaba muri Kamerune, karashitse i muhira. Karashonje kandi karanyotewe, ng’ako karinjiye mu nzu ibayabaye babamwo, karagumbiriye imbwa yako yari ikarindiriye, gashize ishakoshi yako ku meza bafungurirako, karicaye, maze gaciye karindirana umushasharo imfungurwa zako.

Nyina wako, uwuri mu gikoni, arumvise ko ka Max kinjiye maze aciye akazanira isahani y’umuceri n’ibiharage bishushe. Mugabo aciye ahinduka mu maso akimara kubona ishakoshi yako ku meza bahanaguye. Aciye araba agahungu kiwe maze avuga buhorobuhoro ati: “Maaaax!” Agahungu kiwe gaciye ubwo nyene gatahura ivyo avuze, gaca gakura nya shakoshi maze kaja gukaraba iminwe. Ntigateba guca kaza kwihereza ibifungurwa kari kamaze umwanya karindiriye. Gaciye kavuga n’ijwi ritoyi ririmwo ukwiyagiriza gati: “Mbabarira mawe, nibagiye.”

Inabibondo yitwararika ibintu arashobora kugira vyinshi akoze kugira ngo abo mu rugo rwiwe bagume bafise amagara meza n’isuku, naho nyene bikenewe ko abagize urwo rugo bose basenyera ku mugozi umwe na we. Nk’uko inkuru ivuga ivya Max ivyerekana, ukumenyerezwa kumara igihe kirekire kurakenewe kubera ko isuku risaba utwigoro tudatezura kandi abana bakaba bakenera kwama bibutswa.

Nyina wa Max aratahura yuko ibifungurwa bishobora kwandura mu buryo butandukanye. Ni co gituma akaraba neza iminwe igihe aba agira akore ku bifungurwa, ariko kandi akaguma abipfundikiye kugira ngo yirinde ko isazi zivyanduza. Mu kuraba neza ko ibifungurwa biguma bikingiwe be no mu kuguma apanze ibintu neza mu nzu akongera akayisukura, bituma atagira ingorane nyinshi zijanye n’imbeba be n’inyenzi.

Impamvu imwe ihambaye ituma nyina wa Max yitwararika ibintu mwene ukwo, ni kubera ko ashaka guhimbara Imana. Asigura ati: “Bibiliya ivuga yuko abasavyi b’Imana bategerezwa kuba beranda kuko Imana ari nyeranda.” (1 Petero 1:16) Yongerako ati: “Ubweranda ni cokimwe n’isuku. Ni co gituma nshaka ko inzu yanje iba iyisukuye, n’umuryango wanje ukaba uwusukuye. Birumvikana ko ivyo bishoboka kubera gusa yuko umwumwe wese mu bagize umuryango aba yagize ico afashije.”

Birahambaye ko abagize umuryango basenyera ku mugozi umwe

Nk’uko nyina wa Max avyerekana, isuku ry’umuryango ni igikorwa cega abagize umuryango bose. Rimwe na rimwe, abagize imiryango baricara hamwe kugira ngo baganire ku bikenewe mu miryango yabo be n’ibishobora kuryohorwa mu nzu eka no hanze yayo. Ivyo kandi birafasha mu gutuma abagize umuryango bunga ubumwe be no kwibutsa umwumwe wese muri bo uruhara akwiye kurangura mu kwitwararika ineza y’abandi bose. Nk’akarorero, inabibondo yoshobora gusigurira abana bakuze igituma babwirizwa gukaraba bavuye mu kazu ka surwumwe, bahejeje gukorakora ibintu nk’amahera, be n’imbere yo gufungura. Na bo boheza bakaraba neza ko batoya babo bafatana uburemere ico kintu.

Abagize umuryango bose barashobora guhabwa udukorwa tw’i muhira bokora. Umuryango woshobora gufata ingingo yo kuzoza urasukura inzu ku ndwi ku ndwi be no gushinga urutonde rwo kugira isuku ryitondewe rimwe canke kabiri mu mwaka. Bite ho ku bijanye no hanze y’inzu? Umugabo umwe aharanira ibijanye no kubungabunga ibidukikije yitwa Stewart L. Udall, yavuze yerekeza kuri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ati: “Tuba mu gihugu aho ubwiza buriko burakamangana, ibintu bibi biguma vyongerekana, ibibanza kama biriko biragabanuka, n’ibidukikije muri rusangi biriko birononekara uko bukeye uko bwije bitumwe n’umwanda, urwamo be n’ugutituka kw’ibintu.”

Kwoba ari ukwo nawe ubona ibibanza bikikuje aho ubaye? Mu bihe vya kera, eka mbere no muri kino gihe mu bisagara bimwebimwe vyo muri Afirika yo hagati, hari umuntu usanga agenda arashikiriza ubutumwa bunaka mu mabarabara akaba abanza kuvuza inkengeri kugira ngo abantu bamwumvirize. N’ijwi rirenga, aributsa abantu baba muri ico gisagara kugisukura, kuzibura imifurege, gututurira ibiti, kurandura ivyatsi bibi, be no gusukura aho bata umwavu.

Ugukuraho umwavu ni ingorane iri kw’isi yose kandi ni ikintu c’akananirabahinga ku bategetsi benshi. Ibisagara bimwebimwe birananirwa gukura umwavu mu mabarabara, maze ugaca urundana. Abanyagihugu bo muri ivyo bisagara barashobora guterwa akamo ngo bafashe. Kubera yuko abakirisu ari abanyagihugu beza, bari mu ba mbere bitabira ako kamo gutyo bakisunga amategeko ya Sezari ata kwidoga. (Abaroma 13:3, 5-7) Abakirisu b’ukuri barafise umutima ukunze wo gukora ibirengeye ivyo basabwa kugira ngo baterere agacumu k’ubumwe muri ivyo. Barashima yuko ibibanza bidukikije vyoba ibisukuye kandi baribwiriza kugira isuku, batiriwe bararindira ko wa muntu agenda arashikiriza ubutumwa bunaka mu mabarabara abibutsa. Baratahura ko isuku ari ikintu cerekana yuko umuntu yamenyerejwe neza kandi ko yitwararika ibintu. Isuku rihera ku muntu umwumwe wese no ku muryango umwumwe wose. Kwitwararika ibintu bisanzwe bijanye no kugira isuku mu bibanza bikikuje inzu, bizotuma urushiriza kugira amagara meza vyongere bitume ibibanza bikikuje aho uba muri rusangi birushiriza gusa neza.

Kuba abantu basukuye biratera iteka Imana dusenga

Kuba abantu basukuye ku mubiri kandi bambara rupfasoni, ni kimwe mu bintu biranga ugusenga kwacu kandi akenshi biratuma abantu babona ko tutameze nk’abandi. Igihe kimwe umugwi w’abasore n’inkumi bashika nko kuri 15 barinjiye mw’iresitora bavuye kw’ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova i Toulouse, mu Bufaransa. Umugabo umwe n’umugore wiwe bageze mu zabukuru bari bicaye ku meza yari iruhande y’iyabo bari biteze ko baza kugira ingorane nyinshi, nko kwumva urwamo be n’amajambo mabi. Ariko rero, barakozwe ku mutima n’inyifato nziza abo bakiri bato bari bambaye neza bagaragaje be n’ibiyago bihimbaye bagiraniye. Igihe abagize uwo mugwi bari bagira basohoke, uwo mugabo n’umugore barabakeje kubera inyifato nziza bagaragaje bongera babwira umwe muri abo bakiri bato yuko inyifato y’akarorero nk’iyo isigaye ari imbonekarimwe muri kino gihe.

Abantu bagendera ibiro vy’amashami, amacapuriro, be n’inyubakwa z’uburaro z’Ivyabona vya Yehova akenshi barakorwa ku mutima n’ukuntu basanga hari isuku. Kwambara impuzu zisukuye hamwe no gukaraba no kwiyuhagira ubudasiba ni ibisabwa ku bakora bavyishakiye bakorera bakongera bakaba muri ivyo bibanza. Amavuta amota be n’amaparufe ntibishobora gusubirira isuku ryiza ryo ku mubiri. Igihe abo bakora bavyishakiye, bano bakaba ari abasuku b’igihe cose, baba bariko barabwira inkuru nziza ababanyi babo ku migoroba canke mu mpera z’imishamvu, ukuntu baba basukuye biragira kandi ikintu ciza bikoze ku butumwa bashikiriza.

“Nimwigane Imana”

Abakirisu bahimirizwa “[kwigana] Imana.” (Abanyefeso 5:1) Umuhanuzi Yesaya yaranditse ibijanye n’ibintu yeretswe, aho yumvise abamarayika badondora Umuremyi mu majambo agira ati: “Mweranda, mweranda, mweranda.” (Yesaya 6:3, NW) Iryo dondora rirashimika ku bweranda be n’isuku bitagira urugero vy’Imana. Kubera ko ibintu bimeze gutyo, Imana isaba abasavyi bayo bose kuba beranda, ni ukuvuga kugira isuku. Ibabwira iti: “Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.”​—1 Petero 1:16.

Bibiliya iremesha abakirisu “kwambara mu buryo bubereye.” (1 Timoteyo 2:9, The New English Bible) Ntibitangaje kubona mu gitabu c’Ivyahishuwe bivugwa ko “impuzu nziza yoroshe, yakaka, isukuye” igereranya ibikorwa bigororotse vy’abantu Imana ifata ko ari beranda. (Ivyahishuwe 19:8) Igicumuro coco akenshi mu Vyanditswe kigereranywa n’ikirabagu canke umucafu.​—Imigani 15:26; Yesaya 1:16; Yakobo 1:27.

Muri kino gihe, abantu amamiliyoni babwirizwa kuba ahantu usanga vyama ari urugamba kugira ngo umuntu agume asukuye ku mubiri, mu vy’ukwigenza runtu be no mu vy’ugusenga. Umuti ruhasha w’iyo ngorane uzoboneka igihe Imana ‘izogira ibintu vyose bishasha.’ (Ivyahishuwe 21:5) Uwo muhango niwaranguka, ubuhumane be n’umwanda vy’ubwoko bwose bizokurwaho ubutagisubira kubaho.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko yitwa.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]

Imana idusaba kuba abasukuye

Mu kiringo c’urugendo Abisirayeli bagize mu bugaragwa, barategetswe kugaba cane igihe baba bagiye ku mwanda mukuru. (Gusubira mu vyagezwe 23:12-14) Ico gitegerezwa kuba cari ikintu kiruhisha umuntu aravye ukuntu iryo kambi ryangana, ariko nta nkeka ko vyabafashije kwirinda indwara nk’inyonko yitwa tifoyide be na kolera.

Abo bantu bari barategetswe kwoza canke gukuraho ikintu cose caba cakoze ku kiziga. Naho Abisirayeli bashobora kuba batatahura igituma bakwiye kugira ico kintu, kubigenza gutyo vyarabafasha kwirinda kwandura indwara be no kwirinda ibiza.​—Abalewi 11:32-38.

Abaherezi bategerezwa kubanza gukaraba iminwe be no kwoga ku birenge imbere yo kurangura imirimo yabo kw’itaberenakulo. Kwuzuza ikibesani c’umujumpu cajamwo amazi agenewe ico gikorwa hashobora kuba hatari aho gutuma umwana, ariko kwiyoga cari ikintu gisabwa gukurikizwa ata guca ku ruhande.​—Kuvayo 30:17-21.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 11]

Ivyo umuganga umwe atwibutsa

Amazi arakenewe cane mu buzima, ariko amazi mabi arashobora gutuma umuntu arwara canke agapfa. Umuganga yitwa J. Mbangue Lobe, uno akaba ari umukuru w’urwego rw’ivy’ubuvuzi ku kivuko c’i Douala, muri Kamerune, yarashikirije ivyiyumviro bimwebimwe ngirakamaro mu kiganiro yatanze co kumubaza ibibazo.

“Nimuteke amazi yanyu yo kunywa nimba mutazi neza ko ari meza.” Ariko rero yaragabishije ati: “Gukoresha wa muti bita eau de javel canke iyindi miti ni vyiza, ariko vyoshobora kubangamira ubuzima igihe bidakoreshejwe neza. Nimwame mukaraba n’isabuni be n’amazi imbere yo gufungura be n’igihe muvuye kwa surwumwe. Isabuni ntigurwa amahera y’umurengera, ku bw’ivyo n’abakene barashobora kuyigura. Nimumesure impuzu zanyu kenshi, mukoreshe amazi ashushe nimba mufise ingorane canke indwara ku rukoba.”

Uwo muganga yabandanije ati: “Abagize umuryango bose bategerezwa kugira isuku mu nzu be no mu bibanza biyikikuje. Akenshi utuzu twa surwumwe turafatwa minenerwe maze tugaca ducika icumbi ry’inyenzi be n’isazi.” Mu kwongerako iciyumviro kimwe gihambaye ku bijanye n’abana, yagabishije ati: “Muragabe ku bijanye no kwoga muri birya bidengeri vy’amazi biba biri hafi y’aho muba. Vyuzuyemwo imigera iteye akaga. Nimwame mwiyuhagira mw’ijoro muri i muhira imbere yo kuja kuryama, mwiyugumure neza mw’ijoro, kandi muryame mu musegetera.” Iciyumviro nyamukuru kiri muri ivyo bintu vyose yavuze ni ukuzirikana ku bintu imbere y’igihe, kugira ico ukoze be no kwirinda ingorane.

[Ifoto ku rup. 10]

Kumesura impuzu zawe birafasha kwirinda ingorane be n’indwara vyo ku rukoba

[Ifoto ku rup. 10]

Abakirisu baribwiriza gusukura ibibanza bikikuje aho baba

[Ifoto ku rup. 10]

Inabibondo yitwararika ibintu aragira vyinshi akoze mu bijanye n’isuku ry’abo mu muryango wiwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika